
Umukuru w’Igihugu asaba abarundi kwisubirako no kunagura imigenderanire n’Imana, muri iki gihe c’Ikarema
Kuri uyu musi w’Imana wa mbere w’Ikarema, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, bifadikanije n’abakristu ba Paruwasi Gihiza iri muri zone Mungwa, komine
Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ahamagarira urwaruka guhurumbira inyigisho z’ubuhinga kugira bitezimbere
Mu gihe we n’umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye bari bifadikanije n’abenegihugu b’i Gitega ku murwa mukuru wa politique w’Uburundi, mu bikorwa rusangi vyo kwagura ishure kaminuza ry’imyuga riri ahitwa
Umurwi CENI washikirije icegeranyo cemeza ko amatora yo muri 2020 yagenze neza cane
Umukuru w’umurwi ujejwe amatora CENI yashikirije Kuri uyu wa kane mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe, imbere y’Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka icegeranyo co gusozera

Umukuru w’Igihugu ca Ethiopiya ari mu rugendo rw’akazi ngaha mu Burundi, mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire y’ubucuti no gufashanya
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 ruhuhuma 2021, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye, ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye, Mugenziwe w’Igihugu ca Ethiopiya, Nyenicubahiro Sahle-Work Zewde,Ijambo rishikirijwe na Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ku munsi wo guhimbaza imyaka 30 iheze Abarundi bitoreye amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi
[embeddoc url="https://kwantare.gov.bi/doaphees/2021/02/ijambo-rya-Nyenicubahiro-Varisito-Ndayishimiye-mu-guhimbaza-imyaka-30-y-Amasezerano-y-Ubumwe-bw-Abarundi.pdf" download="all" viewer="google"]
Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye arashima imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi n’Igihugu c’Ubushinwa
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 04 Ruhuhuma 2021, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yahaye umubonano uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Amb. Li Changlin, aho yari aje kumwikebanura, mu
Ibihugu vya Côte d’Ivoire na Nigeria biriteguye gushigikira Uburundi mw’iterambere
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito yakiriye kuri uwu wa gatatu itariki 3 Ruhuhuma 2021 intumwa zidasanzwe zibiri zarungitswe na bagenziwe ba Nigeria Muhammadu Buhari na Côte d’Ivoire Alassane
Umukuru w’igihugu Ndayishimiye arahimiriza abagwizatunga kugwiza amahinguriro ahingura ivyimburwa vy’Uburundi
Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito, ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Angeline Ndayishimiye, yatanguje kuri uyu wa kabiri ku muhingamo, iyimbura ry’umwimbu w’ibigori mu murima wa koperative VASO zo mu gisagara