Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu ca Ethiopiya ari mu rugendo rw’akazi ngaha mu Burundi, mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire y’ubucuti no gufashanya

Umukuru w’Igihugu ca Ethiopiya ari mu rugendo rw’akazi ngaha mu Burundi, mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire y’ubucuti no gufashanya

 

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 ruhuhuma 2021, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye, ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye, Mugenziwe w’Igihugu ca Ethiopiya, Nyenicubahiro Sahle-Work Zewde, aje mu rugendo rw’akazi rw’imisi ibiri ngaha mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru agishika ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye, Nyenicubahiro Sahle-Work Zewde yashimye kuri iryo teka ntangere yatewe ryo kwakirwa mu Burundi nk’Umukuru w’Igihugu ca Ethiopiya. Yaciye amenyesha ko muri iyo misi ibiri azomara ngaha mu Burundi, yiyemeje gukora ibishoboka vyose kugirango imigenderanire iri hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri itsimbatare.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yari aherekejwe n’abandi banyecubahiro batandukanye bo muri Reta, ibirori vyo kwakira uwo mushitsi w’iteka bikaba vyaranzwe n’intambo n’imvyino ndangakaranga k’Uburundi.

Umukuru w’Igihugu ca Ethiopiya yaciye aja gushira ingori z’amashurwe ku bibanza vy’icubahiro bitandukanye vy’igihugu, biri mu gisagara ca Bujumbura, nk’intatemwa z’incungu z’ukwikukira na demokarasi, Umuganwa Rudoviko Rwagasore na Melchior Ndadaye.

Urwo rugendo rw’Umukuru w’Igihugu wa mbere Sebarundi yakiriye kuva agitangura amabanga yo kurongora Uburundi, ruzorangwa, harategekanijwe ibikorwa bitandukanye, harimwo kuzimana uyo mushitsi Nyenicubahiro Sahle-Work Zewde n’abo bagendanye bitegekanijwe kuri uyu muhingamo.

shares
error: Content is protected !!