Kirundi || Français

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye

Général Major Varisito Ndayishimiye batazira N.Eva, ni umunyaporitike w’Umurundi, yabaye Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD kuva mu mwaka w’2015 gushika muri Nzero umwaka 2021. Yavukiye ku Musama, Zone Kabanga, muri Komine Giheta iri mu Ntara ya Gitega, mu mwaka 1968.

YAGWANIYE AMAHORO

Général Major Ndayishimiye Varisito ari mu bantu babaye integuza y’urugamba rwo kugarukana amahoro no guhabuza demokarasi mu muhari FDD (Forces de Défense de la Démocratie), umuhari wakundwa cane n’abanyagihugu wavutse mu gihe abansi b’igihugu baheruka kunigira mu menshi demokarasi babanje kwica Umukuru w’Igihugu wa mbere yari yitorewe n’abenegihugu hamwe n’abo bafashanya kurongora igihugu. Yarakoze mu bijanye no kurondera abanywanyi mu ntara za Ngozi, Karusi, Gitega, Mwaro, Muyinga na Ruyigi mu mwaka w’1994, inyuma y’ubwicanyi bwakorewe abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi (1995). Ubwo bwicanyi bwatumye mu muhari FDD wakira abanywanyi bashasha bo ku rwego rwisumbiye (officiers). Ndayishimiye akaba muri ico gihe yari afise ipete rya Capitaine akaba yari n’umwigisha w’abarwanyi binjira mu muhari FDD. Yarabaye umukuru w’uwo  muhari mu ntara za Ngozi, Karusi, Gitega, Ruyigi na Muyinga.

UMUHUZA

Mu mwaka w’1997, yaragize uruhara mu gikorwa co guhuza abenegihugu bo mu Ntara ya Bujumbura  hamwe n’abari ku rugamba akoresheje ingabirano afise yo kwumviriza  abantu no gutabariza abantu bari mu bihe bigoye. Kubera yigeze kuzezwa amabanga yo kurongora ingabo zirwanira ahantu hagoye kandi hatandukanye (les unités commando mobiles), yaragenze intare zose z’igihugu n’amaguru, bimuha akaryo ko kumenyera ubuzima bw’abenegihugu batobato, ari na bo basangira ugupfa n’ugukira.

UWUJEJWE GUSHIKIRIZA AMAKURU

Mu 1997 kandi,  Général Evariste Ndayishimiye yarabaye Komiseri w’Umuhari ajejwe  poritike, hanyuma aba Umuvugizi w’Umuhari inyuma y’aho Léonard Nyangoma abogorejwe. Yaciye ashinga ikinyamakuru INTUMWA mu mwaka w’1998. Yariyumviriye ikimenyetso gikuru c’umugambwe CNDD-FDD, INKONA. Yarabaye umuhuzabikorwa w’Umuhari mu ntara za BURURI, MAKAMBA na RUTANA.

UMUNYEPORITIKE

Ndayishimiye yararongoye Inama y’Abanyagihugu bakunda Uburundi (Conseil National des Patriotes), urwo rwego rukaba rwagize uruhara rudasanzwe mw’itunganywa rishasha ry’uwo muhari mu mwaka wa 2001, akaba ari na rwo rwahavuye rutunganya Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe ryahinduye umuhari rikawugira Umugambwe mu mwaka 2004.

UMUHINGA MU KUGANIRA NABO BATAVUGA RUMWE

Yararongoye intumwa zaserukira  uwo muhari mu biganiro vyawuhuza na Reta y’imfatakibanza, ibiganiro vyashitse ku ntambwe yo gushiraho Amasezerano Yagutse yo Guhagarika intambara, igenekerezo rya 16 Munyonyo 2003.  Yahavuye  arongora Umurwi Uhurikiyemwo bose ujejwe kwubahiriza Amasezerano yo guhagarika intambara mu Mugambi wo kugarukana Amahoro mu gihugu.  Mu gihe yari Umushikiranganji w’Intwaro yo  Hagati mu Gihugu n’Umutekano, yararongoye intumwa za Reta y’Uburundi mu biganiro vyo guhagarika intambara vyayihuza n’umuhari PALIPEHUTU-FNL wari urongowe na Agathon RWASA. Ivyo biganiro vyahavuye bishika ku gushirako urukumu ku masezerano yo guhagarika intambara burundu kw’igenekerezo rya 06 Nyakanga 2006.

UMUKOZI WA RETA MUKURU

Varisito Ndayishimiye yarajejwe amabanga  akomeye atandukanye  mu gihugu haba muri  poritike canke mu vya gisirikare. Yarabaye Umukuru w’Ingabo z’Igihugu ajejwe Ibirwanisho n’Ibikoresho mu gisirikare c’Uburundi. Yarabaye Umushikiranganji w’Intwaro yo Hagati mu Gihugu, Umutekano n’Iterambere ry’Amakomine, aca arashiraho Ikigega c’igihugu kijejwe Iterambere ry’Amakomine (FONIC) mu ntumbero yo gushitsa umugambi wo kwegereza ubutegetsi abenegihugu n’iterambere rusangi. Ku bw’ubwizigirwa Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA yamubonamwo, yarashinzwe amabanga akomeye cane mu Biro vy’Umukuru w’Igihugu, araba Umuyobozi  Mwishikira mu Biro vy’Umukuru w’Igihugu ajejwe ibibazo vya gisirikare, munyuma ahava aba Umuyobozi  Mwishikira mu Biro vy’Umukuru w’Igihugu ajejwe ibibazo vy’Igisivire. Ari muri ayo mabanga, yarabaye kenshi intumwa idasanzwe y’Umukuru w’Igihugu kuri bagenziwe Abakuru b’ibihugu vya Uganda, Tanzaniya, Kenya, Mali, Somariya. Nijeriya, Namibiya, Etiyopiya, Afrika Yepfo, Zimbabwe, hamwe no mu manama akomakomeye yatunganijwe n’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afirika, canke mu nama zihuza Ishirahamwe ry’ibihugu biri mu karere ko mu burengero bwa Afirika (CEDEAO) n’Ishirahamwe ry’ibihugu biri mu karere ko hagati ya Afirika (CEEAC). Yarabaye kandi Umuyobozi Mukuru w’ishirahamwe rijejwe gutunganya ivy’indege, SOBUGEA.

UMURONGOZI W’UMUGAMBWE

General Evariste Ndayishimiye yasubiriye Umushingamateka Pascal Nyabenda mu burongozi bw’umugambwe CNDD-FDD.  Imbere yo kurangura ayo mabanga, yabanje gutanga imihoho mu gisirikare c’Uburundi, Umukuru w’Igihugu na we arabimwemerera biciye mw’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu N° 100/157 ryo ku wa 18 Myandagaro 2016.

AJEJWE IVYO INKINO N’IMIBANO

Hambavu y’ayo mabanga yagiye ararangura, Général Major Evariste Ndayishimiye  yarakoze ibitari bike mu gisata c’imibano. Kuva mu mwaka w’2005 gushika 2008, yarabaye Icegera c’Uwurongoye umurwi w’igihugu ujejwe ivy’inkino (Comité National Olympique). Mu mwaka w’2008 gushika mu 2017, yaciye ahabwa kurongora uwo murwi akaba n’ubu ari Umukuru waryo w’Iteka (Président d’honneur).

Varisito Ndayishimiye akaba ari n’umwe mu bashinze Kaminuza y’Ubuhinga y’i Gitega akaba mbere ari na we arongoye Urwego Nshingwantwaro rwayo.

UMUHINGA MU VY’AMATEGEKO N’UBURONGOZI

Varisito Ndayishimiye yize ivy’amategeko, akaba kandi afise ingabirano idasanzwe mu vy’uburongozi, guhimiriza abantu, kwumvuriza abantu, kugira impuhwe, n’Ubuntu. Ni Umukirisu wo muri Ekleziya Gatorika; yubakanye na Nyakwubahwa Njerina NDAYUBAHA, mbere bakaba bafitaniye n’abana batandatu harimwo abahungu babiri. Varisito Ndayishimiye avuga canke yandika indimi zine, Ikirundi, Igifaransa, Icongereza n’Igiswahiri .

error: Content is protected !!