Kirundi || Français

Umurwi CENI washikirije icegeranyo cemeza ko amatora yo muri 2020 yagenze neza cane

Umurwi CENI washikirije icegeranyo cemeza ko amatora yo muri 2020 yagenze neza cane

 

Umukuru w’umurwi ujejwe amatora CENI  yashikirije Kuri uyu wa kane mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe, imbere y’Umukuru w’Igihugu  Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka icegeranyo co gusozera amatora.

Umukuru w’umurwi ujejwe amatora Muganga Pierre Claver Kazihize yamenyesheje n’ijwi rirenga ko amatora yagenze neza cane, mu mutekano ntangere. Ati abitavye amatora bose babikoze mu mwumvikano ntangere, kandi amahera akenewe yariho, kandi amatora yakozwe mu bihe vyari vyategekanijwe na CENI.

Uwo murwi urashima uko abenegihugu na Reta yabo bitanze, n’ukuntu bakoranye neza bose mu nteguro no mu gihe c’amatora.

Muganga Pierre Claver Kazihize ati ku miriyaridi 97 z’amafaranga y’amarundi yari yegeranirijwe ico gikorwa c’amatora, imiriyaridi 29 zarasigaye. Ati harageze gushirako abaserukira umurwi CENI mu makomine bakabazeza ibikorwa bimwe bimwe bikazotuma n’uburyo bw’amatora azokurikira bugabanuka rwose.

Twomenyesha ko Umukuru w’umurwi ujejwe amatora CENI Dr Pierre Claver Kazihize yasavye ko hahinyanyurwa itorwa ry’abatwa baja mu bashingamateka no mu bakenguzamateka ngo Kuko ukuntu bashirwaho bitera imyidodombo.

shares
error: Content is protected !!