Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ahamagarira urwaruka guhurumbira inyigisho z’ubuhinga kugira bitezimbere

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ahamagarira urwaruka guhurumbira inyigisho z’ubuhinga kugira bitezimbere

 

Mu gihe we n’umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye bari bifadikanije n’abenegihugu b’i Gitega ku murwa mukuru wa politique w’Uburundi, mu bikorwa rusangi vyo kwagura ishure kaminuza ry’imyuga riri ahitwa i Tankoma, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, mw’ijambo yashikirije, yasavye urwaruka rw’Uburundi guhurumbira inyigisho zijanye n’ubuhinga, mu ntumbero yo kwiteza imbere muri kazoza kabo, bateze imbere n’igihugu cabibarutse.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yavuze kandi ko mu gushigikira urwaruka, Reta y’Uburundi yamaze gushiraho ibanki y’urwaruka, itanga ingurane ku nyungu itavuna, kugirango urwaruka rushobore  kwirangurira umigambi vyoroshe. Yavuze kandi ko Reta iza yaratanguye gushinga amashure y’ukunagura ubumenyi muvy’ubuhinga, irya mbere rikaba ririko rirubakwa mu ntara ya Karusi.

Muri iryo jambo kandi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye urwaruka kwijukira ibikorwa vy’iterambere, bareke guta umwanya mu bitagira ikimazi ataho bizobashikana, ariko nyabuna bakure babona iyo bariko baraka, bishingire umugambi yabo yo kwiteza imbere badashize amaso ku bavyeyi babo gusa.

Muri ivyo bikorwa vyo kuri uyu wa gatandatu, Sebarundi yaboneyeho n’akaryo ko gushimira Imana yo ishishikara kuzigama Uburundi, afatiye ku kugene idahengeshanya gukingira igihugu irandagata ry’ikiza ca korona.

Yabasavye kuguma ku kivi, bagumye bafatanye mu nda mu gutezimbere igihugu, ingabanwa Imana yabahaye. Yashimye kandi intambwe iyo ntara ya Gitega yateye mw’iterambere, ngo bikaba vyerekana urukundo rugaragara ku bavukantara ba Gitega.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye kandi abakozi ba Reta kubungabunga itunga ry’abarundi, badashize imbere inyungu zabo, abasaba kandi gukunda akazi no kwirinda amarigara, ariko nyabuna namenye ico bajejwe ku neza y’igihugu, babungabunge na ntaryo itunga rusangi, ku neza y’abenegihugu, bababere abavyeyi.

Muri iryo jambo kandi, Sebarundi yahamagariye abagwizatunga kuja hamwe kugirango bahingure umwimbu w’abenegihugu, bongere barondera amasoko hanze y’igihugu, kugirango igihugu kironka n’amafaranga y’agaciro.

Yasavye abarundi kurima bakimbura umuserekara, bafungure hama baronke n’ivyo bashora, bizane amafaranga y’agaciro mu gihugu.

Yarangije asaba indongozi zose kuja ku kivi, zirime zorore, zitange akarorero ku benegihugu batobato. Ati umukozi wa Reta abwirizwa gutanga akarorero keza mu kurima no mukworora kijambere, gutyo igihugu gitere imbere.

shares
error: Content is protected !!