Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asaba abarundi kwisubirako no kunagura imigenderanire n’Imana, muri iki gihe c’Ikarema

Umukuru w’Igihugu asaba abarundi kwisubirako no kunagura imigenderanire n’Imana, muri iki gihe c’Ikarema

 

Kuri uyu musi w’Imana wa mbere w’Ikarema, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, bifadikanije n’abakristu ba Paruwasi Gihiza iri muri zone Mungwa, komine Gitega, mu nkuka ya misa yo kuri uyu musi.

Mw’ijambo yashikirije ryo kuramutsa abakristu, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye abarundi kwisubirako no kunagura vy’ukuri imigenderanire yabo n’Imana, bigarure bongere bemere Inkuru Nziza, muri kino gihe c’ikarema.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimiye Imana yo idahengeshanya kuzigaba Uburundi, ikaburonsa amahoro, umutekano n’impore, ikaba yaranaburinze irandagata ry’ikiza ca corona, akaba yashimye ko n’ibitigiri vy’abandura ico kiza mu Burundi vyagabanutse cane muri iyi misi. Naho biri uko, yasavye abarundi kutaryama umukondorazosi, babandanye bikingira mu gukurikiza na ntaryo ingingo zafashwe n’abajejwe amagara y’abantu.

Sebarundi yahamagariye kandi ama paruwasi ya Katorika gufata iya mbere mu gutanga inyigisho zo guhimiriza abakristu ibijanye n’iterambere, na cane cane kwishingira imigambi yobafasha kwikenura.
Abakristu nabo kubwabo, yabasavye kwirinda gusesagura umwimbu n’ubutunzi mu miryango yabo, ariko nyabuna bijukire ibikorwa vy’iterambere bivuye inyuma, kugirango igihugu kironke umwimbu w’umusesekara.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yarangije asubira gusaba abarundi gukomeza urukundo, ukubabarana, ugufatana mu nda n’ubumwe biva ku Mukama Yezu Kristu, kugirango bose hamwe bubake igihugu c’amahoro n’amahonda. Yasozereye yemereye abakristu ba Paruwasi Gihiza kuzobaterera umuganda mu mugambi wabo wo kwagura isengero.

shares
error: Content is protected !!