Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye arahimiriza abagwizatunga kugwiza amahinguriro ahingura ivyimburwa vy’Uburundi

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye arahimiriza abagwizatunga kugwiza amahinguriro ahingura ivyimburwa vy’Uburundi

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito, ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Angeline Ndayishimiye, yatanguje kuri uyu wa kabiri ku muhingamo, iyimbura ry’umwimbu w’ibigori mu murima wa koperative VASO zo mu gisagara ca Bujumbura.

Anezerejwe n’umwimbu w’itoni 200 wavuye muri uwo murima wa hegitari 56, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabateye akamo abagwizatunga ko borondera amasoko yo hanze yo gushoreramwo umwimbu; mugabo kandi bagwize amahinguriro y’imfungurwa twiyimburira mu ntumbero yo gukoresha neza umwimbu ugenda uragwira mu gihugu.

Umukuru w’igihugu arashimishwa kandi n’uko Abarundi batakirimira inda gusa. Yaciye asaba abarundi gufungura ivyimburwa twirimira, narirya zifise ivyunyunyu vyinshi ugereranije n’ibizanana hanze.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi arashima ko abenegihugu bariko baratera imbere mu burimyi bagiwe imbere n’indongozi z’igihugu, bikaba ari intererano ikomeye mw’ishirwamungiro rya wa mugambi wa Reta mvyeyi-Reta nkozi w’uko umunwa wose woronka ico ufungura, n’umufuko wose ukaronka amafaranga.

Twomenyesha yuko uwuserukira PAM mu Burundi, TAAL HOUSAINOU yari yifadikanije n’Umukuru w’igihugu muri ico gikorwa co kwimbura, nkuko n’umuganwakazi wa Yorodaniya Sarah Zeid mu gihe c’iteragira cahuriranye n’uko yari yagendeye Uburundi mu kwezi kwa Gitugutu 2020.

shares
error: Content is protected !!