Kirundi || Français

Umutambukanyi wa Sebarundi yatanguje ihiganwa Miss Burundi 2021

Umutambukanyi wa Sebarundi yatanguje ihiganwa Miss Burundi 2021

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yatanguje icese ihiganwa ryo gutora umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge, mu mwaka w’2021, ariryo « Miss Burundi 2021 ».

Ibirori vyo gutanguza ibikorwa bijanye n’iryo higanwa vyabaye kuri uwu wa 2 Ruhuhuma 2021, kw’ihoteri Royal Palace, mu gisagara ca Bujumbura, bikaba vyatangujwe kucivugo kivuga kiti : “Kurata ubwiza n’ubwenge bw’umwigeme w’umurundikazi”.

Mw’ijambo yashikirije, Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yashimiye Ubushikiranganji bw’Ubudandaji, Gutwara abantu n’ibintu, Amahinguriro n’Ingenzi hamwe n’ishirahamwe SS Entreprise, ku ciyumviro bagize co gusubira kuvyura iryo higanwa, inyuma hafi y’imyaka ine ryarahagaze, kuko ihiganwa ryaheruka kuba mu mwaka w’2017.

Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yasavye umurwi ujejwe gutunganya ico gikorwa ufashijwe n’Ubushikiranganji bujejwe ingenzi n’imico kama, gushira inguvu hamwe mu bwitonzi no mu gukorera ku mugaragaro kugira ico gikorwa kizoranguke neza, kandi ntihagire uwukumirwa.

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yaranagarutse ku bitegerezwa kuranga umwigeme azotorwa, nk’ubwiza no kuba aciye ubwenge. Vyongoye, nkuko vyashikirijwe na Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, uwo mwigeme ategerezwa kuba arangwa n’akaranga n’imico y’abarundikazi.

Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yamenyesheje kandi ko ishirahamwe ry’abakenyezi bubakanye n’abakuru b’ibihugu vya Afrika ry’ishinze iterambere, OPDAD, asanzwe anahagarariye mu Burundi, mu vyo ryiyemeje harimwo guharanira agateka k’abakenyezi n’abigeme, harimwo n’iterambere ryabo, kugira bashobore kwiteza imbere bongere bateze imbere igihugu cabibarutse. Ati kubw’iyo mvo nico gituma OPDAD ryahisemwo gushigikira ico gikorwa co gutora umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge.

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yasavye kandi ba buramatari  n’abarongoye amakaminuza gufasha bimwe biboneka mu gushikana inkuru kubo vyega ata wusigaye inyuma, kugira bazitabire iryo higanwa.
Yasavye abavyeyi kurengera ibivugwa ku bijanye na Miss canke ihiganwa ryo gutora uwo mwigeme, mu kurungika abana babo bakitoza kugira berekane ingabire zabo mu bijanye n’ubwiza n’ubwenge, ari nawe azoheza agaserukira abandi bigeme mu gihugu no mu mahanga.

Mwomenya ko iyandikwa ryatanguye kuri uwo munsi nyene vyugururiweko, n’ukuvuga itariki 2 Ruhuhuma 2021. Umunsi nyezina wo gutora uwo mukobwa akazoba ari igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2021

shares
error: Content is protected !!