Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yiyemeje gufata ikibazo c’impunzi mu minwe

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yiyemeje gufata ikibazo c’impunzi mu minwe

 

Mu gihe Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito yari yakiriye ,Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 ruhuhuma 2021, abaserukira Amashirahamwe Mpuzamakungu HCR na PAM, yongeye kwerekana neza ko afashe mu minwe ikibazo co gutahukana impunzi z’abarundi zivyipfuza mu gihugu c’amavukiro.

Ayo Mashirahamwe Mpuzamakungu yamwemereye ko na yo agiye kwongereza inguvu mu ntumbero yo kubona Uburundi butekanye mu bisata vyose.

Uwuserukira Ishirahamwe rijejwe impunzi HCR Abdul Karim GHOUL yavuze ati: “Twarashoboye gufasha gutahana impunzi zababa 125000 mu mwaka wa 2020, tukaba dutegekanya gutahukana hafi 150.000 muri uno mwaka”. Yongeye ati abo biyandikishije ku bwinshi cane cane kuva babonye ko amatora yagenze neza, ati ariko turipfuza ko indongozi z’ibihugu biri mu karere karimwo impunzi zovugana kuko ari igikorwa gikorwa mu gihe hari ikiza ruhonyanganda koronavirisi.

Uwuserukira Ishirahamwe Mpuzamakungu PAM TAAL HOUSAINOU, na we nyene yiyemeje gutera intambwe mu kurwanya ugufungura nabi mu gufasha kugaburira abana mu mashure, bahereye mu mashure y’intango, no mu bisata vy’ubuzi vyitaho abantu barwaye ingwara zifatiye ku gufungura nabi.

Mu rugamba rwo kurwanya ubukene, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito ahamagarira abarundi kuja ku kivi bagakora mu ntumbero yo kugwiza umwimbu no kuwubika neza kuko ushobora kugurwa, ugakoreshwa na Leta canke ayandi Mashirahamwe Mpuzamakungu nka PAM ashobora gukenera uwo mwimbu ku neza y’abenegihugu b’Uburundi canke ahandi.

shares
error: Content is protected !!