Kirundi || Français

Sebarundi ahamagarira abenegihugu kurwiza unwimbu no kugwanya ikiza ca korona, kugira kiranduranwe n’imizi mu Burundi

Sebarundi ahamagarira abenegihugu kurwiza unwimbu no kugwanya ikiza ca korona, kugira kiranduranwe n’imizi mu Burundi

 

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ahamagarira abenegihugu kurushirizaho gukora ibikorwa vy’iterambere kugirango barwize umwimbu, batibagiye no kubandanya bakurikiza ingingo zafashwe zo kurwanya ikiza ca korona, kugirango gituzwe burundu mu Burundi. Ivyo yabishikirije igihe we n’umuryango wiwe bari baramutse bifadikanya n’abakristu bo muri Paroisse Muzinda mu ntara ya Bubanza, mu gisabisho co kuri iyu w’Imana igenekerezo rya 31 nzero 2021.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimye uruhara paruwasi ya Muzinda ifise mw’iterambere ry’intara ya Bubanza, bikaba vyanatumye umwimbu wongerekana incuro 4 muri iyo ntara. Yasavye kandi ayandi ma paruwasi gukora uko, ati : ” Turashimishwa cane nuko umwimbu wabaye mwinshi uyu mwaka henshi mu gihugu, intara ya Bubanza kubwayo ikaba yarwije kane umwimbu yahorana. Ati Reta ku biyerekeye yariyemeje kuzofasha mu bijanye no kubaronderera amasoko y’ivyimburwa, mu ntumbero yo gufasha abenegihugu. Yongeye ati turabashimiye cane ku ntererano yanyu mw’iterambere ry’igihugu mu migambi itandukanye, tukipfuza ko n’ayandi ma paruwasi yobafatirako akarorero, gutyo akabera icitegererezo n’abandi benegihugu”.

Sebarundi yavuniye akagohe abatowe kugirango baserukire abenegihugu, cane cane abashingamateka n’abakenguzamateka, kwama babafata mu mugongo mu migambi y’iterambere, kugira baterere mu gutezimbere intara bavukanwo zabo.
Yaboneyeho n’akaryo ko gushimira abanya Bubanza kuba iyo ntara ariyo yabaye iya kabiri mu kumutora, mu matora y’Umukuru w’Igihugu aherutse.

Ku bijanye naho n’ikiza ca korona cugarije isi muri kino gihe, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimye Imana kubona ibitigiri vy’abandura mu Burundi biri hasi cane. Yaciye asaba abenegihugu kubandanya bikingira mu gukurikiza ingingo zafashwe n’abo vyega. Ati :” Turashimira Imana ko abandura ari bake cane, kandi ko n’ibice 90 kw’ijana vy’abari baranduye iyo ndwara baja baramaze gukira. Tubasavye nantaryo kubandanya mwikingira, tukabasaba mbere ko iyi ndwi tugiye gutangura mwoyiharira igisabisho, kugirango ico kiza kibe umugani mu gihugu cacu c’Uburundi”.

shares
error: Content is protected !!