Kirundi || Français

Icegera c’Umukuru w’igihugu yifadikanije n’Ishengero rya Anglicane mu birori vyo kurobanura abadiyakoni no guhezagira abapasitori

Icegera c’Umukuru w’igihugu yifadikanije n’Ishengero rya Anglicane mu birori vyo kurobanura abadiyakoni no guhezagira abapasitori

 

Icegera c’Umukuru w’igihugu Nyakwubahwa Bazombaza Prosper yateye iteka Ishengero rya Anglicane kuri uyu wa Mungu, aho ryari riramutse rirobanura abadiyakoni rikanahezagira abapasitori ku murwa mukuru wa politike wa Gitega.

Abungere b’amadiyoseze icenda yose agize Ishengero rya Anglicane yari yitavye ivyo birori vyo kurobanuza amavuta abadiyakoni 25 n’abapasitori batatu.

Mu nyigisho zatanzwe n’Umwepiskopi Birakengana Pédicurie ryashimikiye ku gikorwa c’Imana. Kimwe mu bisomwa vy’uwo musi casomwe ni 1Timoteyo3: 8-13 ryashimikiweko cane mu mwanya w’inyigisho, cane cane ko ryashimikira ku nyifato itegerezwa kuranga abo bakozi b’Imana bashasha. Baciye bahamagarirwa kwubaha no kwubahiriza inzego z’iryo shengero rya Anglicane kugira ngo bazoshobore kurwana banesha urugamba rw’impwemu, bazoshobore gutaha mw’ijuru bazobane n’Umwami Yesu Kristo.

Icegera c’Umukuru w’igihugu Nyakwubahwa Prosper Bazombanza yafashe akanya ko gushima ivyo ishengero rya Anglicane rikora mw’iterambere ry’igihugu na cane cane mu bijanye n’inyubako z’amashure, n’iz’amagara y’abantu, ivyo bakora mu gukingira ibidukikije, n’ibindi.

Nyakwubahwa Bazombaza ati: abakirisu bakwiye gukorana mu makoperative y’iterambere kuko nyamwigendako ntarimira  impeshi”; Ivyo akaba yabibabwiye abibutsa yuko yaba umutozakori canke umukozi w’Imana, bose baba bari mu makosa mu gihe badashigikiwe.

Ati: “Ubu turi mu ndwi yahariwe kwegeranya amakori, tukaba dusaba yuko muri iri sekeza ryo kuriha ikori ry’agataka n’ikori ry’amazu apangishijwe ko mwobinyarutsa kugira zize gusahiriza mwebwe nyene n’igihugu cose”.

Icegera c’Umukuru w’igihugu ntiyibagiye kubibutsa kwubahiriza amabwirizwa yatanzwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA mu ntumbero yo kurwanya ca kiza koronavirus kitararinda guhekura igihugu c’Uburundi.

shares
error: Content is protected !!