Kirundi || Français

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye asaba abarimyi gushira amatongo hamwe kugirango barwize umwimbu

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye asaba abarimyi gushira amatongo hamwe kugirango barwize umwimbu

 

Mu gihe yari yishikiye ku kivi kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 nyakanga 2021, mu kugendera ibigo vy’akarorero mu burimyi n’ubworozi biri mu makomine ya Giheta na Makebuko mu ntara ya Gitega, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye abarimyi gushira amatongo yabo hamwe kugirango vyorohere abajejwe kubakurikirana, kubigisha ubuhinga bwo kurima kijambere, maze umwimbu wongerekane.

Ku musozi Kiriba muri komine Giheta, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yari aherekejwe n’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo uburimyi, abakozi bakuru bakuru bo muri ubwo bushikiranganji, hamwe n’abasahiriza Uburundi mu bijanye n’uburyo n’ubuhinga mu guteza imbere ico gisata, aho bishikiye mu murima w’akarorero w’ibigori n’ibiraya bivomerwa ku buhinga bwa kijambere, uwo murima ukaba wegukira abenegihugu bagiye hamwe mu kugira koperative bise Tsindinzara.
Abo benegihuhu barahigira ubuhinga bwo kurima kijambere bakoresheje imbuto zirobanuye, bakanahageragereza n’ibiterwa bitandukanye, bagakurikiranwa ku musi ku musi n’abajejwe ico gisata muri ako karere.

Muri urwo rugendo rwo kwishikira ku kivi aherekejwe n’abasanzwe bafasha mu gutezimbere igisata c’uburimyi n’ubworozi, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yishikiye kandi mu mwonga wa Nyagihundo muri komine ya Makebuko, aho abenegihugu bahurikiye mu mashirahamwe barima ibiterwa vy’umuceri, ibigori, ibiharage n’ibindi biterwa, ku buringanire bungana n’amahegitari 47.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimye ko muri kino gihe abarimyi bakurikiranwa neza ku rugero rushimishije. Yasavye ariko ko bokwijukira gushira amatongo yabo hamwe, kugirango vyorohere abajejwe indimo kubakurikirana na cane cane mu kubigisha gukoresha ubuhinga bwo kurima kijambere.

Mu nama yo guhanahana ivyiyumviro bagiraniye n’abo basanzwe bafasha mu gutezimbere igisata c’uburimyi, muri zone Maramvya muri komine ya Makebuko, inyuma y’urwo rugendo rwo kwishikira ku kivi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimikiye ku ntumbero nshasha zafashwe mu kuzamura ubutunzi bw’igihugu biciye mu gutezimbere igisata c’uburimyi n’ubworozi mu gihugu.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yavuze ko intumbero nyamukuru ari ukwereka abasahiriza Uburundi aho bugejeje isemo mu guteza imbere uburimyi, kugira ngo bategure uburyo bazi neza ibiriko birakorwa. Yabashimiye kubona baja baratanguye gukorana n’abenegihugu mu kurabira hamwe icokorwa kugira batezimbere ico gisata. Yavuze ko Reta y’Uburundi yiyemeje na ntaryo guha agaciro uburimyi, mu gihe igice kinini c’abarundi gitunzwe n’uburimyi.

shares
error: Content is protected !!