Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu arashima ibikorwa vy’Ishirahamwe Umugiraneza mu gisata c’amagara y’abantu

Umukuru w’Igihugu arashima ibikorwa vy’Ishirahamwe Umugiraneza mu gisata c’amagara y’abantu

 

Mu gihe yari aramutse yugurura icese inyubakwa y’ikigo  “Urumuri” c’i Gitega ifasha mu gikorwa co kuvura ingwara yo mu kigo, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimye ibikorwa vy’ishirahamwe Umugiraneza rishigikira Reta y’Uburundi mu mugambi wo guteza imbere amagara y’abantu muri rusangi, ariko na cane cane amagara y’umukenyezi. Yagize ati:

“Ndagomba gukeza ishirahamwe Umugiraneza ku mugambi wo kwagura ikigo Urumuri ubu gishobora kwakira abarwayi benshi, gurtyo kigaterera mu migambi ya Reta mu bijanye n’amagara y’abantu”.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaciye atangaza yuko Reta y’Uburundi ata co itazokora kugira ishigikire iryo shirahamwe Umugiraneza aca mbere abemerera rusehabaniha izofasha kwunguruza abakenyezi bafise ubwo burwayi babajana kuvurirwa kuri ico kigo Urumuri, nk’uko vyari vyasabwe n’uwurongoye iryo shirahamwe.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yafashe kandi ako kanya aratera intege n’ayandi mashirahamwe, amahinguriro, n’abasanzwe bashigikira inguvu za Reta mu gisata c’amagara y’abantu mu kugura ibikoresho vy’ubuvuzi bigezweho, ati kuko, turi hamwe twese birashoboka.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akaba n’umukuru w’ishirahamwe Umugiraneza yamenyesheje mw’ijambo ryiwe ko, inyuma yo kwagura ico kigo co kuvura ingwara yo mu kigo ku buryo bungana na miliyoni 660 z’amafaranga y’amarundi, Ishirahamwe Umugiraneza ritegekanya kuhashira n’ibikoresho bikenewe, rikongerako abandi baganga bakenewe, no kwubaka iyindi nyubakwa izokwakira abamaze kuvurwa kugira bashobore gukira neza, banige n’imyuga mito mito izobafasha kugira ico bimariye.

Mwomenya ko kuva habaye isekeza ryo kuvura abagore bafise ubwo burwayi bw’ingwara yo mu kigo, ryatangujwe na Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye igenekerezo rya 14 Myandagaro 2020, abarwayi 159 baravuwe kandi barakira.

shares
error: Content is protected !!