Kirundi || Français

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye uwuserukira igihugu c’Ubutariyano mu Burundi

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye uwuserukira igihugu c’Ubutariyano mu Burundi

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 nyakanga 2021, ku kirimba ciwe c’i Gitega ku murwa mukuru wa politike, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yahaye umubonano Massimiliano MAZZANTI aserukira igihugu c’Ubutariyano mu Burundi, akaba afise icicaro mu gihugu ca Uganda.

Abo banyecubahiro baganiriye ku bijanye no gutsimbataza imigenderanire myiza isanzwe iri hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri. Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagarutse ku kugene igihugu cifashe muri rusangi n’intambwe kigezeko mu bisata bitandukanye, hamwe no ku myitwarariko nyamukuru ya Reta Mvyeyi-Reta Nkozi, mu guteza imbere Uburundi. Yashimiye igihugu c’Ubutariyano ku kugene kidahengeshanya gufata mu mugongo Uburundi mu bisata bitandukanye, na cane cane mu migambi yo guteza imbere uburimyi n’ubworozi mu Burundi.

Afashe ijambo, uyo mushitsi nawe yavuze ko igihugu c’Ubutariyano ciyemeje gufata mu mugongo Uburundi mu gutezimbere ibijanye n’uburimyi, umuyagankuba n’amagara y’abantu. Mu gisata c’uburimyi, yashimye intambwe Uburundi buriko buratera mu gutezimbere ico gisata, aca amenyesha ko igihugu aserukira ciyemeje gufata mu mugongo Uburundi, mu kubushigikira ku ntumbero y’uko umunwa wose woronka ico ufungura, umufuko wose nawo ukaronka amafaranga yo kwikenura.
Uwuserukira igihugu c’Ubutariyano mu Burundi yavuze rero ko bagiye gushimikira na cane cane mu gutezimbere igiterwa c’itomati, uburyo bungana hafi imiliyoni 2 z’amafaranga y’amanya Buraya ngo akaba mbere yaramaze gutegekanywa muri uyo mugambi.

Mu bijanye no gutezimbere igisata c’umuyagankuba, uyo mushitsi yavuze ko bazoshimikira ku gutezimbere umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba, nayo mu bijanye n’amagara y’abantu, ngo bakazoshimikira na cane cane mu bijanye no gutezimbere amagara y’abavyeyi n’ibibondo mu Burundi.

Muri uwo mubonano, baganiriye no ku bijanye n’intambwe ishimishije imigenderanire y’Uburundi n’ishirahamwe rya Buraya igezeko, aho iryo shirahamwe rishima cane aho Uburundi bugeze mu bisata bitandukanye, cane cane ic’intwaro ibereye, kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo rusangi, agateka ka zina muntu n’ibindi.

Massimiliano MAZZANTI aserukira igihugu c’Ubutariyano mu Burundi yarangije amenyesha ko igihugu aserukira kitazohengeshanya kubandanya gishigikira Uburundi.

shares
error: Content is protected !!