Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu aratera intege urwego rwo kwivuna abansi ku ntambwe rugezeko mu gukingira ibidukikije

Umukuru w’Igihugu aratera intege urwego rwo kwivuna abansi ku ntambwe rugezeko mu gukingira ibidukikije

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Nyakanga 2021, Umukuru w’igihugu akaba n’intwazangabo nkuru y’inzego zijejwe umutekano no kwivuna abansi Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yuguruye icese ihinguriro ry’amakara ryubatswe mw’ikambi ya Muzinda muri komine Rugazi mu ntara ya Bubanza.

Ni umugambi watangujwe n’urwego rwo kwivuna abansi mu Burundi. Umukuru w’igihugu akaba yabateye intege ku ntambwe bagezeko mu gukingira ibidukikije.

Nk’uko vyashikirijwe n’uwujejwe ingabo zose, Generali Prime Niyongabo, igisoda ubu kirafise imashini zitanu zo gukora amakara mu makambi atatu, zibiri zikaba ziri ku Muzinda, zindi zibiri i Gitega n’iyindi imwe iri i Nyanza Lac; ivyo bikaba bituma haba ugukingira bimwe biboneka ibidukikije, na cane cane ko ayo makara akorwa mu bicericeri, ibishishwa vy’ikawa, n’ivy’ibiti bibajwe.

Afashe ijambo, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yahimiririje ibindi bisata kwisunga ako karorero keza k’igisirikare c’Uburundi, mu gushigikira umugambi w’igihugu wo gukingira ibidukikije wataziriwe “Ewe Burundi Urambaye”.

Umukuru w’igihugu yahimirije kandi urwo rwego rw’igisoda, ruza rumaze gutera intambwe iboneka mw’iterambere, kubandanya baterera mw’iterambere ry’igihugu mu gushinga amahinguriro manini manini gurtyo bagwize umwimbu. Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yabemereye ko Reta y’Uburundi ata co itazokora mu gushigikira imigambi y’iterambere urwo rwego ruzoba rwatunganije kugira ngo rushigikire Reta mu rugamba rwo kurwanya ubukene.

Umukuru w’igihugu yaciye abemerera ko hashingwa igisata c’iterambere muri urwo rwego rw’igisirikare( Génie Militaire de développement). Ico gisata kikazofasha abasirikare kuronka ubumenyi mu bijanye n’iterambere ry’igihugu cabo.

Inyuma ya Muzinda, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yuguruye icese inyubakwa zibiri zongewe kw’ivuriro rya Kagwema muri komine Gihanga. Aho hari imbere yuko yugurura icese ibitaro bikuru vya komine Gihanga, ikimenyetso cemeza intumbero ya Reta y’Uburundi yo kwubaka ibitaro binini, nimiburiburi, bimwe muri buri komine.

shares
error: Content is protected !!