Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yuguruye icese ibitaro vya mbere vya komine, i Musigati mu ntara ya Bubanza

Umukuru w’Igihugu yuguruye icese ibitaro vya mbere vya komine, i Musigati mu ntara ya Bubanza

 

Kuri uyu wa 11 Nyakanga 2021, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, aherekejwe n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yuguruye icese ibitaro vya mbere vya komine, i Musigati mu ntara ya Bubanza, muri wa mugambi Reta Mvyeyi-Reta Nkozi aho yiyemeje ko amakomine yose y’Uburundi ategerezwa kugira ibitaro vya kijambere.

Mw’ijambo ryo kuramutsa abenegihugu bo mu ntara ya Bubanza yashikirije inyuma y’ico gikorwa co kwugurura ivyo bitaro vyubatswe n’ikigo ca Reta kijejwe inyubako n’uburaro OBUHA, ibitaro bija vyaramaze no kuronswa ibikoresho bifise agaciro k’amafaranga yababa imiliyoni 400 mu mafaranga y’amarundi, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko amagara meza y’abenegihugu ariryo soko ry’iterambere ry’igihugu.

Tubibutse ko uwo mugambi wo kwubaka ibitaro muri buri komine yose y’igihugu uri mu migambi nyamukuru Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashikirije abarundi mu gihe c’imyiyamamazo mu matora y’Umukuru w’Igihugu aherutse yo mu mwaka w’2020. Ivyo bitaro rero bikaba biriko birubakwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyo yemereye abenegihugu bamutoye ngo abarongore.

Muri uyo mugambi nyene aho mbere n’ibindi bitaro bigera ku 37 bija vyaramaze kurangira kwubakwa bigiye kwinjirwa mu misi ya vuba, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko Reta yihaye ihangiro ko gushika mu mwaka w’2023 amakomine yose yo mu Burundi azoba afise ibitaro vyayo n’ibikoresho bikwiye.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye abarundi muri rusangi kubungabunga neza izo nyubakwa ku neza y’amagara yabo, abaganga nabo abasaba kwama bakira neza ababitura, nkuko biri mu karangamutima k’abajejwe amagara y’abantu. Yaboneyeho n’akaryo ko gutanga n’izindi mpanuro zitandukanye kuri zina murundi wese, aha tukavuga nko kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’itunga rusangi, gukomeza isuku mu kwikingira ingwara zitandukanye na cane cane ikiza ca korona, mu gukurikiza ingingo zafashwe zo kwikingira ico kiza, n’ibindi.

Mwomenya ko iruhande y’ico gikorwa co kwugurura icese ivyo bitaro vya komine Musigati, Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yaboneyeho akaryo ko gusuhuza abavyeyi baheruka kwibarukira muri ivyo bitaro. Yanabashikirije agakemanyi kagizwe n’utuganuke dutandukanye, mu ntumbero yo kubakeza.

shares
error: Content is protected !!