Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ahamagarira Abarundi baba hanze y’Igihugu guterera mw’iterambere ry’igihugu

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ahamagarira Abarundi baba hanze y’Igihugu guterera mw’iterambere ry’igihugu

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yitavye kuri uyu wa gatanu inama yo ku rwego rwo hejuru yatunganijwe n’Ibanki Nkuru y’Igihugu BRB, ifise intumbero yo kwiga neza uko ubutunzi bw’Uburundi bwotera imbere, ikaba yabereye kw’ihoteli Club du Lac Tanganyika.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yahamagariye abahinga barangurira imirimo yabo mu bindi bihugu guterera mw’iterambere ry’igihugu cabibarutse batarinze kwiyumvira ku gahembo boharonkera.

Yagize ati: “ubutunzi mu butare n’ubundi butunzi kama biriho. Mugabo ingorane zihari zizotorerwa umuti n’abana b’igihugu bavyigiye kandi babifisemwo uburambe”, akaba yavuze artyo ashimira Pr. Léonce Ndikumana na Dr. Janvier Désiré Nkurunziza bigoye muri bino bihe bigoye vya Coronavirus bakaza gukarihiriza ubwenge abize ibijanye n’ubutunzi mu Burundi.

Mu vyo basiguye, abo bahinga bagarutse kuri kimwe kimwe mu ngorane zihanze ubutunzi bw’Uburundi n’ivyokorwa kugira ngo ibisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu bitere imbere.

Imbere y’iyo nama, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yuguruye icese ikigo kijejwe gupima umugera wa Covid-19 ku ngenzi zica ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye c’i Bujumbura, mu ntumbero yo kurwanya biboneka ukurandagata kw’ico kiza mu gihugu.

shares
error: Content is protected !!