Kirundi || Français

Abarundi barangurira imirimo yabo mu bindi bihugu basabwa kuba koko abaserukizi b’Uburundi

Abarundi barangurira imirimo yabo mu bindi bihugu basabwa kuba koko abaserukizi b’Uburundi

 

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2021, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye n’abashikiranganji batari bake bagize Reta, yateye iteka igiteramo ndangamico cari catunganijwe n’igisagara ca Bujumbura, kikaba cari gitumiwemwo abarundi basanzwe barangurira imirimo yabo mu bindi bihugu mu gihe bariko barasozera akaruhuko kabo mu Burundi.

Mw’ijambo ry’ikaze, Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ico giteramo ari akaryo keza ko kwibutsa kuzigama imico n’akaranga vyamye biranga abarundi kugira habe ukubihanahana urunganwe ku rundi. Yamenyesheje kandi ko abarundi basanzwe barangurira imirimo yabo mu bindi bihugu bakeneye kwongera kuvoma kw’isôko ry’imico n’akaranga vyiza aho gucakira rimwe na rimwe iyindi mico basanzwe babamwo aho kuzigama rwabo.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yafashe ijambo ashimira abatunganije ico giteramo c’imico kama n’akaranga. Kabaye akaryo keza kuri we, nk’uko umuvyeyi ayagira umwana wiwe, ko gusangira n’abo barundi baba hanze ibijanye n’imico n’akaranga vy’abarundi.

Ati:” Ndipfuza yuko mumenya kandi mukabwira abana banyu ko bafise igihugu-kivyeyi kimwe. Murashobora gukorera mu gihugu ico ari co cose mugabo ntimukibagire igihugu cabibarutse. Akaranga kanyu kari mu bibubatse”.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yaribukije abo barundi baba hanze ko ari abaserukizi b’ukuri b’Uburundi aho boja hose. Yateye ivyatsi ariko abifatanya n’abansi b’igihugu haba mu kukivuga nabi canke mu bikorwa vyabo. Yababwiye ati: ” Murakwiye gutahura uruhara rwanyu rwo kuba abaserukizi b’Uburundi, mufatire akarorero ku bandi benebihugu vya Afrika bitaho iterambere n’ishusho nziza vy’ibihugu vyabo”. Ati: “Mwame mwegeza kure ibibacanishamwo vyose muharanire nyabuna gukorera no guhariranira ineza y’igihugu canyu. Ntimuzoba mubikoreye jewe canke indongozi ariko muzoba mubikoreye Uburundi buturengeye twese.”

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yiyemeje kworohereza abarundi basanzwe barangurira imirimo yabo mu bindi bihugu mu bikenewe mu gihe bagomba kuja hamwe kugira bakore imigambi y’iterambere ry’imibano n’ubutunzi, agatanga akarorero nk’ikigo c’indero c’akarorero.

shares
error: Content is protected !!