Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yabonanye n’abakora mu gisata c’uburimyi n’ubworozi

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yabonanye n’abakora mu gisata c’uburimyi n’ubworozi

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, aho yari yishikiye mu ntara ya Bubanza, yatanze intumbero ibereye ku bashakashatsi, abategura n’abashira mu ngiro imigambi ijanye n’uburimyi n’ubworozi, biciye mu mu gutegura imbuto zirobanuye no kuzikwiragiza mu ntara zibereye kurimwamwo.

Umukuru w’igihugu bwari bubaye ubwa mbere akoranya ba buramatari b’intara n’abarongoye ibisata vyose bigize Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema yerekanye neza ko ibikorwa bitanga umusaruro mwiza vyakozwe muri kino gihe c’ici vyaranguwe ku bice 90%.

Umukuru w’igihugu akoresheje uburorero bwinshi yaberetse ibibereye gukorwa kugira umwimbu ube mwinshi. Yaciye asaba ko mu buyobozi bwo mu ntara, hobaho abajejwe gukora igikorwa nk’igikorerwa muri ISABU mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi. Ivyo vyose bigakorerwa mu runani ata rwego na rumwe rusimbwe, ku neza y’iterambere ry’igihugu.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yari yabanje kugendera Ikigo c’akarorero kijejwe kugerageza imbuto c’i Gihanga gisanzwe gifashwe mu minwe n’abahinga n’abashinwa. Akaba yiboneye yuko ico kigo citeguye guteza imbere ubworozi bw’ifi n’inkoko no gukwiragiza imbuto zitandukanye zirobanuye harimwo imboga, umuceri, ibiyoba, n’ibigori.

Kabaye akaryo keza ku wuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi umupfasoni Zhao Jiangping ko gushimira Nyenicubahiro umukuru w’igihugu kubona yaje kubatera intege, agashima intambwe bagezeko mu mezi make aheze ico kigo cuguruwe. Yaciye amenyesha Umukuru w’igihugu ko igihugu ciwe citeguye gukorana n’ibisata vya Reta y’Uburundi mu gushigikira icivugo c’uko umunwa wose wogira ico ufungura n’umufuko wose ukagira amafaranga.

Inyuma ya komine Gihanga, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagendeye komine ya Bubanza mu kibanza bita kw’i Randa ahari ikigo c’ubworozi kiri kuri hegitari zirenga 500. Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yisunze ko amasezerano ahuza bene ico kigo na Reta igihe cayo carangiye, yaciye agira ati” kuva ubu amakoperative ya Bubanza azorangurira imirimo yabo muri ayo matongo atarinze gukota bikazokorwa bihagarikiwe n’inzego zibijejwe”.

shares
error: Content is protected !!