Kirundi || Français

Igihugu ca Misiri kirashima ibikorwa vya Reta y’Uburundi kigasaba ko amasezerano yasinywe yoja mu ngiro vuba

Igihugu ca Misiri kirashima ibikorwa vya Reta y’Uburundi kigasaba ko amasezerano yasinywe yoja mu ngiro vuba

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 Myandagaro uwuserukira igihugu ca Misiri Yasser El-Atawi, akaba yari amuzaniye intasho za Mugenziwe Al Fattah Al Sissi.

Baciye irya n’ino ibijanye n’aho ivyo gushira mu ngiro amasezerano yo gufashanya bashitseko igihe Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi yagendera i Cairo mu kwezi kwa Ntwarante 2021 bigeze.
Uburundi na Misiri barasinyiraniye amasezerano atandukanye; muri ayo amasezerano, ayo gufashanya mu vya gisirikare no mu vy’amagara y’abantu aramaze kuja mu ngiro biciye mu ngendo zakozwe n’intumwa z’ivyo bihugu no kurungika ibikoresho vy’ubuvuzi mu Burundi.

Uwuserukira igihugu ca Misiri yemereye Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ko azokora mu ntumbero yo gushimangira imigenderanire y’ivyo bihugu. Yagize ati “mu kubashikiriza izi ntasho za Nyenicubahiro Al Sissi, turashimangiye ko ata co tutazokora kugira dufashe mu bisata bikuru bikuru vy’ubuzima bw’igihugu c’Uburundi. Ati: “Dushaka gushika ku bintu bikomeye, si amajambo gusa kuko Uburundi ni igihugu gikomeye cane ku buzima bw’igihugu ca Misiri muri Afrika”.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasubije indamutso kuri Mugenziwe wa Misiri, aca amenyesha ko imigenderanire myiza hagati y’Uburundi na Misiri izofasha benegihugu b’ivyo bihugu vyompi. Ati “Ndanezerezwa n’igikorwa imirwi y’abahinga iriko irakora mu ntumbero yo gushira mu ngiro amasezerano yasinywe. Ndabateye intege ngo babandanye barabira hamwe ibisata vyinshi hobamwo gufashanya, bashizemwo ibisata vy’inyigisho z’imyuga, inyubako, na cane cane itunganywa ry’iyubakwa ry’umurwa mukuru wa politike wa Gitega”.

Imbere yo gusozera, uwuserukira igihugu ca Misiri yakeje Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ku kuntu Reta y’Uburundi iriko irakora ibikora inka, aca amumenyesha ko Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Al Sissi yiteguye kugira urugendo mu Burundi mu mwanya mwiza uzotegurwa biciye mu bisata biraba ibijanye n’imigenderanire.

shares
error: Content is protected !!