Kirundi || Français

Abarongozi b’ibanki TDB bari i Bujumbura kwirabira ivyo bofashamwo Reta y’Uburundi

Abarongozi b’ibanki TDB bari i Bujumbura kwirabira ivyo bofashamwo Reta y’Uburundi

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye kuri uyu wa kabiri abarongozi b’ibanki TDB (Eastern and Southern African Trade and Development Bank), kera yari izwi nka ZEP, bakaba bari barongowe n’umukuru wabo azwi kw’izina rya Admassu Tadesse, akaba yari aje kumumenyesha ko biteguye gushigikira Reta y’Uburundi.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye ariko arababwira uko Uburundi bwifashe yabamenyesheje ko inzego zavuye mu matora zitanga umwizero wa kazoza keza. Ati:”Abarundi turi mu rugamba rwo guteza imbere igihugu, kuko ibikenewe vyose biriho, biba ibijanye n’amahoro n’umutekano canke ubutunzi kama”.

Yaciye agira ati ariko igihugu kirakeneye imfashanyo ya TDB kugira cubake amabarabara azofasha mu guhanahana ibidandazwa, ivyimburwa canke ubutare, hamwe rero no guteza imbere igisata c’amahinguriro.

Uwo mukuru wa TDB Admassu Tadesse yakeje yivuye inyuma uburongozi buranga Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye aca amwemerera gufasha mu bisata bitandukanye vy’iterambere, mbere no guhimiriza abagwizatunga mvamakungu kuzana imitahe yabo kugira bateze imbere ubutunzi bw’Uburundi.

Ni no kuri iyo mvo iyo banki TDB, mu gushira mu ngiro ivyo biyemeje bashimye kwongera gukorera mu nyubakwa yahora ari iya banki ZEP iri i Bujumbura, bakaba banasinyiraniye amasezerano yo gukorana n’ibanki BANCOBU n’ishirahamwe WISE.
Urwo rwego TDB kandi rutegekanya gufasha mu bisata vy’uburimyi, indero, ubuhinga bwa none bwo guhanahana amakuru n’ibindi.

shares
error: Content is protected !!