Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu asaba ISABU gukorana n’abigenga mu kugwiza imbuto zirobanuye kugira hagwizwe umwimbu

Umukuru w’igihugu asaba  ISABU gukorana n’abigenga mu kugwiza imbuto zirobanuye kugira hagwizwe umwimbu

Kuri uyu musi wa kabiri igenekerezo rya 16 Myandagaro 2021, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yabonanye n’abakozi b’ikigo ISABU kijejwe kugwiza imbuto zirobanuye c’i Gisozi muri komine Gisozi y’intara ya Mwaro aho yahamagariye ico kigo gufatanya n’abagwizatunga bigenga mu gikorwa co kugwiza imbuto zirobanuye mu ntumbero yo kugwiza umwimbu.

Muri iyo nama, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye kandi ico kigo ca ISABU kugwiza imbuto zitandukanye kandi ku bwinshi kugira abarimyi benshi bashobore kuzironka. Yamenyesheje ko yipfuza yuko ibigo vyo kugwiza imbuto zirobanuye vyoba henshi, nko mu ntara zose, kugira umurimyi wese azikeneye azironke.

Mu gihe bigaragara neza ko imbuto zirobanuye zikiri nke cane, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ata co itazokora kugira ngo ishigikire ikigo ISABU, kugira gishike kw’ihangiro ryaco ryo guteza imbere ubuhinga mu vy’uburimyi mu Burundi, no gushika ku rugero rwiza rw’uburimyi runezereza abarimyi.

Iyo nama irangiye, batembereje Umukuru w’igihugu mu bisata bitandukanye vy’ico kigo harimwo aho bapimira ibiterwa ( laboratoire de biotechnologie végétale), isanzwe ikora ubushakashatsi ku rugero rwo hejuru.

Twobamenyesha ko imbere yo gushika muri komine Gisozi y’intara ya Mwaro, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yabanje kugendera abarimyi-borozi ba kijambere, bazi no kugwiza imbuto z’ibiraya, bo mu ntara ya Bururi, neza na neza i Kiremba muri komine Bururi, n’i Kajondi muri komine Rutovu.

shares
error: Content is protected !!