Kirundi || Français

Umuryango w’umukuru w’igihugu wahimbarije umusi mukuru w’iyurira mw’ijuru rya Bikira Mariya i Mugera ku Kirimba ca Bikira Mariya

Umuryango w’umukuru w’igihugu wahimbarije umusi mukuru w’iyurira mw’ijuru rya Bikira Mariya i Mugera ku Kirimba ca Bikira Mariya

 

Kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 15 Myandagaro 2021, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito ari kumwe n’umuryango wiwe n’izindi ndongozi z’igihugu bifadikanije n’abakirisu mu birori vyo guhimbaza umusi wahariwe iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya ; hari ku musozi wa Mugera muri komine ya Bugendana mu ntara ya Gitega ahari Ikirimba citiriwe Bikira Mariya w’i Lourdes, ahari hakoraniye isinzi ry’abakatolika bazananye impande zose z’igihugu.

Inkuka y’imisa igitangura, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yarashikirije ijambo aho yibukije akamaro k’uwo musozi wa Mugera mu gihe c’abakoroni.

Asubiye inyuma ku nsiguro y’ijambo “Imana za Mugera”, Umukuru w’igihugu yibukije ko Mugera wari umurwa mukuru wa politike, w’ukwemera, n’ikibanza cafatirwamwo ingingo imbere y’umuzo w’abazungu, ikibanza gihezagiye aho abarundi bambariza Imana; ivyo bikerekana neza yuko abarundi bamye bemera Imana imwe.

“Vyongeye, Umusozi wa Mugera wamye ari ahantu abarundi bemera Imana bashengerera, bazananye impande zose z’igihugu kugira bayage n’umuremyi wabo”, uko ni ko Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimangiye aca anamenyesha ko umuzo w’abazungu wazanye inyigisho zishasha ariko uwo musozi baca bawita mweranda, bawitirira Ikirimba ca Bikira Mariya, uwo muri we, Imana yigize umuntu.

Muri iryo jambo ryiwe kandi, umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaribukije kandi ko umwaka wa 1961, umusi 15 Myandagaro, Umuganwa Ludoviko Rwagasore, ari kumwe na Reta yiwe n’abungere ba Ekleziya Katolika bagiye i Mugera gushikanira Uburundi Umuvyeyi Mariya kugira ngo abukingire. Ivyo bikagaragaza na we nyene nka Sebarundi ko yagiye kwongera kunagura uwo mugirwa watangujwe n’incungu y’ukwikukira, haraciye imyaka 60.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ati turavye amakuba abarundi baciyemwo, ati iyo ataba ugukinga kwa Bikira Mariya, Uburundi ntibwari kuva muri izo ngorane. Yaciye yibutsa intumbero nyamukuru ya Reta Mvyeyi/Nkozi arongoye mu gushira mu ngiro intumbero ya wa murwi ijejwe ukuri no kurekuriranira, gutsimbataza intwaro ibereye no kurwanya ubukene mu Burundi.

Imbere yo gusozera, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashigikiye icipfuzo c’Ishengero rya Katolika co kwubaka aho nyene kuri uwo musozi inyubakwa izoshobora kwakira abahagendeye benshi, aca abemerera ko azofasha muri ivyo bikorwa mu gihe abungere b’iryo Shengero bobimwemerera.

Umwungere wa diyoseze nkuru ya Gitega Musenyeri Simon Ntamwana ari na we yarongoye inkuka y’imisa yagarutse mu nsiguro yatanze, ku kigongwe no gusubiza hamwe kugira ngo haboneke amahoro arama. Ati amahoro nyakuri ari mu gushobora guhariranira hagati yacu nk’uko Imana idahengeshanya kuduharira.

Twobamenyesha ko mu gusozera ibirori, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, Umutambukanyi wiwe Angeline Ndayishimiye, abepiskopi b’Ishengero rya Katolika n’izindi ndongozi z’igihugu nkuru bongeye kugira nk’uko Umuganwa Ludoviko Rwagasore yabikoze mu 1961, mu gushikanira Umuvyeyi Bikira Mariya Uburundi kugira ngo ashobore kubukingira.

shares
error: Content is protected !!