Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye arashima ukwitanga kw’abakristu b’Ishengero rya Katolika mu guteza imbere ama paruwase yabo

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye arashima ukwitanga kw’abakristu b’Ishengero rya Katolika mu guteza imbere ama paruwase yabo

 

Kuri uyu musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 Myandagaro 2021, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yarateye iteka ibirori vyo kwinjira Ikirimba ca Bikira Mariya kiri muri paruwase Makebuko mu ntara ya Gitega.

Inkuka y’imisa yatanguje ivyo birori vyo kwugurura ico Kirimba cubatswe mu buryo bw’umushingamateka Constantin Ndikumana, asanzwe ari imvukira, yasomwe na Musenyeri Simon Ntamwana, Umwungere wa diyoseze nkuru ya Gitega.

Mw’ijambo yashikirije, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimye ukuntu abarundi bariko barahindura ingendo n’inyifato biranga abarundi basanzwe baha Imana ikibanza ca mbere. Yaciye abasaba kubandanya muri iyo nzira bagasenga Imana Rugiravyose, kugira ngo ibandanye gukingira Uburundi no kurongōra indongozi.

shares
error: Content is protected !!