Kirundi || Français

Ishengero rya Katolika na Reta biyemeje bose gushika kw’iterambere ry’igihugu bose bari hamwe

Ishengero rya Katolika na Reta biyemeje bose gushika kw’iterambere ry’igihugu bose bari hamwe

 

Mu mubonano wabaye mw’ibanga ku Kirimba c’i Gitega, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaganiriye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13 Myandagaro 2021 n’abagize Inama y’Abepiskopi b’i Burundi ku bisata vyinshi vy’ubuzima bw’igihugu.

Abepiskopi b’Ishengero rya Katolika mu Burundi bagaragaje umunezero ku bikorwa vya Reta bishingiye ku ntwaro ibereye, iterambere ry’imibano n’ubutunzi hamwe no gusubiza hamwe. Barashima intambwe imaze guterwa kubera uburongozi bwa Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’uwari arongoye abo bepiskopi, abungere ba Ekleziya Katolika barashima majambo y’ihumure ya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu, ajanisha imvugo n’ingiro, ivyo bigatanga umwizero ku gihugu cose.

Nk’abama ku rubuga hagati mu benegihugu, berekanye ko hari ukwizerana hagati y’abenegihugu n’indongozi naho hacibonekeza ibikorwa bibi bimwe bimwe bikorwa n’abatware bamwe bamwe bo ku rwego rwo hasi.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye amaze kubasigurira ibijanye na Reta Mvyeyi/Nkozi, Abepiskopi b’Ishengero rya Katolika biyemeje kuba umuhora mwiza wo guhimiriza abenegihugu gukora imigambi y’iterambere bari mu makoperative mu ntumbero yo gushikira bari hamwe iterambere, uwo na wo ukaba ari umugambi munini watangujwe n’Umuganwa Ludoviko Rwagasore naho atashoboye kuwushikako.

Muri ivyo biyago bakoze bisanzuye, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yanezerejwe n’imigenderanire myiza iri hagati y’Ishengero rya Katolika n’inzego za Reta. Arakeza intererano nini cane igenda itangwa n’abakozi b’Imana b’iryo Shengero mu bijanye n’indero, ugusubiza hamwe n’iterambere ry’imiryango.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yatanze umuco ku bibazo bitandukanye bamubajije, aca yongera kubemerera ko Reta ata co itazokora kugira ngo abarundi bose biyumve mu gihugu hamwe rero no gukurikiza amategeko. Umukuru w’igihugu Ndayishimiye, aravye ibintu uko vyifashe, yabagaragarije ko anezerejwe n’ukugene amakungu yongeye gutangura kwizera Uburundi.

Mu gushigikira inguvu za Reta, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yababwiye ko Ishengero rya Katolika rifise inguvu nyinshi mu gukanguririra abarundi iterambere ry’igihugu cabibarutse, ivyo bikazoshimangirwa cane cane no mu gukora imigambi itanga ubuzi, mu kwungura uburyo bwo kubaho no kurwanya ubukene.

Imbere yo gusozera ivyo biyago, izo mpande zompi bagaragaje umunezero wabo ku bijanye n’itahuka ry’abarundi benshi bari barahunze igihugu cabo. Baca babona ko bibereye kwongera gutera akamo n’izindi mpunzi zipfuza gutahuka ngo biyandikishe ku babijejwe kugira ngo boroherezwe muri ico gikorwa.

shares
error: Content is protected !!