Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yakiriye intumwa y’Umukuru w’Igihugu ca Uganda

Umukuru w’Igihugu yakiriye intumwa y’Umukuru w’Igihugu ca Uganda

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yarakiririye ku Kirimba c’i Gitega kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Myandagaro 2021, intumwa idasanzwe y’Umukuru w’igihugu ca Uganda Nyenicubahiro Yoweli Kaguta Museveni.

Hampande y’indamutso ya Mugenziwe w’Ubuganda, ibiyago vyabo vyashingiye ku gutsimbataza imigenderanire y’Uburundi n’Ubuganda.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye n’iyo ntumwa idasanzwe bavuganye kandi ku ntambwe amasezerano aherutse gusinywa hagati y’Uburundi n’Ubuganda mu gihe Umukuru w’igihugu c’Uburundi yari yagize urugendo muri ico gihugu, agezeko. Bakaba bavuze cane cane amasezerano yo kwubaka ibarabara rizohuza Ubuganda n’Uburundi riciye muri Tanzania.

Kuri ico, iyo ntumwa idasanzwe y’Umukuru w’igihugu Museveni yamumenyesheje ko Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Museveni amaze kubiyagako na Mugenziwe wa Tanzania ku bijanye n’itangurwa ry’ibikorwa vyo kwubaka iryo barabara rizozanira akarusho aka karere.

Muri uwo mubonano, ibibazo bijanye n’amahoro n’umutekano mu karere muri rusangi no mu Burundi ubwabwo vyaravuzweko. Iyo ntumwa yamumenyesheje ko Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweli Kaguta Museveni atera ivyatsi ibitero vy’abagizibanabi bakoze ku butaka bw’Uburundi. Ati Ubuganda buzokwama bushigikira Reta y’Uburundi mu gutsimbataza amahoro mu gihugu, na cane cane ko ibitero vy’abihevyi bibangamiye umutekano w’akarere kose.

shares
error: Content is protected !!