Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bahimbarije umunsi mukuru wahariwe amakomine mu Giheta

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bahimbarije umunsi mukuru wahariwe amakomine mu Giheta

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye bateye iteka komine ya Giheta, mu ntara ya Gitega, mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru wahariwe amakomine.

Ivyo birori vyabereye ku musozi Gihuga, vyaranzwe n’intambo n’indirimbo n’ivyese vyaha agaciro imico n’imigenzo y’ikirundi. Hakaba habaye no gusangira imfungurwa n’ibinyobwa vyamye biranga Uburundi bw’aho hambere.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye afashe ijambo, yakanguriye abarundi guhindura ingendo bakagaruka ku migirwa myiza n’imigenzo vyamye biranga ihanga ry’abarundi imbere y’amacakubiri yabinjiye mu gihe c’intwaro y’abakoloni. Kubw’umukuru w’igihugu, Uburundi bwamye burangwa n’ubumwe, urukundo mu muryango n’igihugu, hamwe rero no gufatana mu nda.

Yagize ati:” Inguvu z’Uburundi zari zihagaze ku muryango, kuko abarundi bose biyumva nk’abanyamuryango umwe, kandi bama bagavye kugira ngo barwanire igihugu cabo.” Ati: ” Ndipfuza yuko abarundi bogaruka ku rukundo n’ubumwe vyamye bibaranga kera”.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye abavyeyi kugarukira indero y’abana kugira ngo babateremwo iyo mico n’imigenzo myiza.

Ikindi yasavye abenegihugu nuko bokwisunga ubwenge bwa ba sokuruza mu guhingura ibintu vy’agaciro. Yagiriyeko asaba ko hoba umuco mwiza wo gusabikanya no gufashanya batibagira ariko kwubahiriza ingingo zafashwe mu ntumbero yo kurwanya ikwiragizwa rya ca kiza ruhonyanganda Covid-19.

Twobamenyesha ko ivyo birori vyahaye akaryo abajejwe intwaro muri komine Giheta ko gutanga impapuro z’iteka ku bavukakomine bakoze gusumba abandi mu guteza imbere komine yabo. Umukuru w’igihugu Ndayishimiye akaba yagabiwe inka yiswe Kirezi ku ruhara ntangere yagize mw’iterambere rya komine avukamwo.

shares
error: Content is protected !!