Kirundi || Français

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yafashije amabati imiryango ikenye

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yafashije amabati imiryango ikenye

 

Mu gihe Uburundi bwari buramutse buhimbaza umusi wahariwe gufatana mu nda, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, abicishije mw’ishirahamwe Fondation Bonne Action Umugiraneza asanzwe arongoye, yashikirije imfashanyo y’amabati ku miryango 154 iba ku misozi itandatu ya komine Giheta mu ntara ya Gitega; umwe umwe ukaba waronkejwe amabati 25 yo gusubiramwo inzu yawo.

Muri iyo ntumbero nyene, abana ba Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye bafashishije amabati imiryango 11 iba ku musozi wa Rutegama mu ntara ya Muramvya. Umwe muri abo bana azwi kw’izina rya Navie Quetsia Ndayishimiye yavuze ati ” ni mu ntumbero yo kwifatanya n’urwaruka rw’abarundi mu guhimbaza uyu musi wahariwe gufatana mu nda twashimye gufasha abakene bafise amazu abavira mu gihe c’imvura”. Abaronkejwe izo mfashanyo bakaba na bo babashimiye cane umuryango w’Umukuru w’Igihugu kubona wabiyumviriyeko.

shares
error: Content is protected !!