Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yibutsa abarundi kugaruka ku muco mwiza wo gufatana mu nda

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yibutsa abarundi kugaruka ku muco mwiza wo gufatana mu nda

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ari kumwe n’umuryango wiwe bifadikanije, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 06 Myandagaro, n’imvukira zo ku musozi avukako wa Musama uri muri komine Giheta, intara ya Gitega mu ntumbero yo guhimbazanya na bo umusi wahariwe gufatana mu nda.

Nkuko uwo musi wagenewe kwifatanya n’abafise amikoro make cane, umuryango w’umukuru w’igihugu washikirije imfashanyo igizwe n’ibifungurwa n’ibindi bikoresho ku miryamgo ishika 80 yo kuri uwo musozi.

Afashe ijambo, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagarutse ku nsiguro y’uwo musi: “uratwibutsa imigenzo myiza yaranga abarundi mu bijanye no gufashanya no gufatana mu nda”. Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ati birabereye kugaruka kuri iyo mico myiza isa n’iyazimanganye.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yasavye abifise gushigikira aboro n’abakene, abakomeye gufasha abagendana ubumuga no kubungabunga abasaza.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagabishije ariko abanebwe n’imborerwa bishinga guta umwanya no gusanzaza ubutunzi bw’imiryango yabo, mu nyuma bakiyita ba ntahonikora, ati ni abo guharira ivomo.

Abandi bagabishijwe ni abashaka kubesha Ubushikiranganji bwo gufatana mu nda mu kwiyita ba ntahonikora mu ntumbero yo kuronswa imfashanyo igenewe abarundi b’amikoro make. Ati nyabuna umuntu wese nahaguruke akore cane kugira yibesheho, abesheho umuryango wiwe, afashe n’abagendana ubumuga n’abasaza.

“Umuntu ntashobora kwiyita ntahonikora kandi afise ubwenge n’inkomezi bikwiye”. Ati” Ndasavye abajejwe intwaro babikurikiranire hagufi kugira batuze ako kageso kabi burundu”.

Yaciye ahimiriza abanya Musama guteza imbere umusozi wabo mu kwubaka amazu meza, no mu kubungabunga amahoro n’umutekano, vyo nkingi z’iterambere ry’igihugu.

shares
error: Content is protected !!