Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye arahimiriza abenegihugu kwijukira ibikorwa vy’iterambere

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye arahimiriza abenegihugu kwijukira ibikorwa vy’iterambere

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, yishikiye mu ntara ya Kayanza kuri uyu musi wa kane igenekerezo rya 05 Myandagaro kugira ngo yirabire yongere ahimirize abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere bishingiye ku burimyi n’ubworozi.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye abwira abenegihugu bo ku musozi Ninga wa komine Butaganzwa bari baje kumusanganira yagize ati:”mukomere, mushire imitahe yanyu mu bikorwa vy’uburimyi n’ubworozi bizobafasha kurwanya ubunebwe, gurtyo mutere imbere”.

Muri ako gace, abenegihugu bahisemwo kurimira hamwe imbuto zitandukanye mu kuvomera no mu guca imikobeko. Kubumba ni uwundi mwuga bakora muri ako gace. Umukuru w’igihugu yabateye intege mu kubagurira bimwe mu bidandazwa vyari bihari.

Umukuru w’igihugu yashitse kandi ku musozi wa Myugariro, uri muri komine ya Muruta aho umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema arangurira ibikorwa nk’ivyo vy’uburimyi n’ubworozi ku buringanire bungana hegitari umunani n’igice, gurtyo ababanyi bakahungukira vyinshi bibafasha.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaciye mbere anugurura ikigega c’amazi kizotanga amazi meza ku bahaba congere kinavomere imirima iri kuri uyo musozi wose mu gihe c’ici canke c’imvura nke.

Ahandi yagendeye ni ku musozi Businde wa komine Gahombo ahari umurima wa hegitari 20, umugambi w’uburimyi n’ubworozi bwa kijambere w’uwo mushikiranganji Déo Guide Rurema aho yashoboye gutanga akazi ku bakozi barenga 200.

shares
error: Content is protected !!