Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu arashima intererano ya Paroisse Murayi mu kwihanganirana kw’amadini mu Burundi

Umukuru w’Igihugu arashima intererano ya Paroisse Murayi mu kwihanganirana kw’amadini mu Burundi

Mu gihe yari yifadikanije n’abakirisu ba paruwase Murayi iri muri komine ya Giheta mu ntara ya Gitega, mu birori vyo guhimbaza yubire y’imyaka 50 imaze, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ari kumwe n’umuryango wiwe yashimye uruhara paruwase Murayi igira mu guteza imbere ukwihanganirana kw’amadini mu Burundi.

Paruwase Murayi yatanguye mu mwaka w’1971 imbere rwose y’ayandi mashengero ari muri ako karere. Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye agira ati iyo paruwase yarerekanye ukwihanganirana no kubana mu mahoro n’ayandi mashengero.

Nk’umukirisu w’iyo paruwase kuva mu bwana, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimiye abarongozi b’iyo paruwase ku ndero rukirisu yahawe ikaba ari na yo ikomeza imitima y’abanyeshengero.

Na yo Patiri Gerevasi Niyimbona yaserukiye Musenyeri wa diyoseze nkuru ya Gitega, yamenyesheje ko hampande y’inyigisho z’umutima zitangwa, paruwase Murayi yashoboye guterera biboneka mw’iterambere muri iyi myaka 50 mu kwubaka na cane cane amashure n’ibitaro.

Mwomenya ko muri ivyo birori, paruwase Murayi yatanze impapuro z’iteka ku banyeshengero, abagenzi n’abitanze biboneka mu gufasha iyo paruwase nk’abapatiri bagiye barahakurakuranwa, abagwizatunga bamwe bamwe, n’umuryango wa Nyenicubahiro umukuru w’igihugu yaronkejwe urupapuro rw’iteka n’igishusho ca Bikira Mariya, ikimenyetso co kumushimira ku kugene afasha iyo paruwase.

shares
error: Content is protected !!