Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu arashimishwa nuko abarundi bamaze gutahura ko iterambere ribwirizwa kuva mu maboko yabo

Umukuru w’Igihugu arashimishwa nuko abarundi bamaze gutahura ko iterambere ribwirizwa kuva mu maboko yabo

 

Ari kumwe na bamwe mu bashikiranganji ba Reta y’Uburundi n’abandi bubahwa batandukanye, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yifadikanije n’invukira zo mu ntara ya Ruyigi, mu bikorwa vyo kwubaka inyubakwa y’igorofa, izoba ibiro bishasha vy’iyo ntara.

Mw’ijambo yashikirije abenegihu inyuma y’ivyo bikorwa, Sebarundi yashimiye abanya Ruyigi kuri uyo mugambi mwiza wo kwiyubakira iyo nyubakwa bo nyene ubwabo, ati ivyo vyerekana ko abarundi bamaze gutahura neza ko iterambere ribwirizwa kuva mu maboko yabo, batarinze guhanga amaso imfashanyo ziva hanze y’igihugu. Yasavye imvukira za Ruyigi, umwumwe wese ico ashoboye, guterera umuganda kugirango ibikorwa vyo kwubaka iyo nyubakwa birangire mu misi ya vuba, aca abemerera kuzobandanya kubashigikira.

Mu ntumbero yo kubereka ko imvugo ibwirizwa kwama ijana n’ingiro, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaciye mbere anabemerera ko Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu bizobaterera uburyo bwo kwubaka igisenge, bikazobaha n’amabati yose azosakara iyo nyubakwa. Iruhande y’ivyo, Umuryango wa Sebarundi ku ruhara rwawo wiyemeje kuzobaterera amafaranga y’amarundi angana n’imiliyoni 10, muri ivyo bikorwa vyo kwubaka iyo nyubakwa.

Abagwizatunga, abubahwa batandukanye, imvukira n’abakunzi b’iyo ntara ya Ruyigi nabo nyene bakaba baciye bafatira akarorero kuri Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, aho biyemeje guterera, umwumwe wese kuco ashoboye, mu bikorwa vyo kwubaka iyo nyubakwa.
Intererano zegeranijwe zose hamwe zikaba zingana n’imiliyoni 286.967.000 z’amafaranga y’amarundi, ama mashini nyabwonko 2, n’icuma co gusohora ivyanditswe bita imprimante kimwe.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ntiyibagiye kandi guhamagarira abarundi bose kugira uruhara rudasanzwe mw’isekeza ryo kurwanya ingendo mbi zataye igihe zo kurya ibiturire no kunyonora amatungo y’igihugu, isekeza ryatunganijwe n’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo iterambere ry’abenegihugu. Kubw’ivyo, yaciye agabisha indongozi zimwe zimwe zifise ingendo igayitse yo gushaka kuburagiza igikorwa co kwegeranya amatagisi atozwa mu makomine, akamenyesha ko ico gikorwa kibwirizwa kubandanya kandi ata gusubira inyuma, kugirango ivyo bikorwa bigayitse vyo kunyuruza itunga ry’abenegihugu biranduranwe n’imizi, kuko ngo bisubiza inyuma igihugu.

Mwomenya ko imbere y’ivyo bikorwa vy’iterambere rusangi, Umukuru w’Igihuhu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yari yabanje kwugura icese ishure kaminuza ryitwa “Burundi Shining Star University” ryubatswe ngaho nyene ku murwa mukuru w’intara, ryegukira ishengero rya Pentecôte ryo mu Ruyigi.

shares
error: Content is protected !!