Kirundi || Français

Umuryango wa Sebarundi wasangiye inkuka ya misa n’abakristu ba Paruwasi Giheta

Umuryango wa Sebarundi wasangiye inkuka ya misa n’abakristu ba Paruwasi Giheta

 

Kuri uyu wa 11 Ndamukiza 2021, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Général Major Varisito Ndayishimiye, ari kimwe n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, basangiye inkuka ya misa n’abakristu ba Paruwasi  Giheta, ikukira Diyoseze Nkuru ya Gitega, ku musi w’Imana ugira kabiri wa Pasika, wahariwe ikigongwe c’Imana.

Mw’ijambo ry’Imana ryashikirijwe, Patiri Mukuru wa Paruwasi Giheta Ruceke Gaëtan, yishimikije Inkuru Nziza ya Yezu-Kristu nkuko ishikirizwa na Yohani (20, 19-31), ahavugwa igihe Yezu yabonekera abigishwa biwe inyuma yo kuzuka mu bapfuye, aho yabarungitse kwigisha inkuru nziza y’urukiza, akabahuha kugirango baronke Mutima Mweranda, akabaha n’ububasha bwo kurekura ibicumuro kuri uwo wese yigaye. Yaciye ahamagarira abakristu kurangwa n’urukundo, ubumwe, amahoro n’ikigongwe.

Mw’ijambo yashikirije ryo kuramutsa abakristu, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Général Major Varisito Ndayishimiye yabanje kubipfuriza ibihe vyiza vya Pasika, abipfuriza kugira amagara meza no kuroranirwa, na cane cane muri kino gihe iyo Paruwasi Giheta iriko iritegurira Yubire y’imyaka 100 imaze ivutse.

Kuri uyu musi w’Imana wahariwe ikigongwe c’Imana, Umukuru w’Igihugu yasavye abarundi kurangwa n’umutima wo kugiriranira ikigongwe no kuvavanura n’ivyiyumviro bibi vyaranze kahise kabi katosekaje igihugu cacu.Yabasavye kandi kugira umutima w’urukundo, gusubiza hamwe no kunywana, kugiriranira ikigongwe, gufatana munda kugirango ako kahise kabishe igihugu cacu c’Uburundi caciyemwo ntikaze gasubire kuvugwa mu gihugu.

Yabasavye kuguma kukivi, barime bimbure, igihugu kironke n’umusesekara wo gushora hanze. Yashimiye Imana ku kirere ciza, aca asaba abarundi kutamanuza Imana mu kurera amaboko, ariko yabuna bahagurukire icarimwe mu kurwiza umwimbu.

Ntiyibagiye gushimira Imana kubona yarakingiye Uburundi n’abarundi ikiza ca corona, aca asaba abarundi gukurikiza impanuro zo kurwanya ico kiza, kwipimisha kenshi gashoboka. Ati mwipimishe hakiri kare, kuko iyo umuntu arinze kwibonako ibimenyetso vyayo, aba amaze gusinzikara. Ati ni naco gituma ibibanza bapimiramwo uwo mugera vyakwiragijwe mu gihugu cose, kandi kwipimisha ari ku buntu. Yasubiye gusaba urwaruka rw’abanyeshure kwitabira akamo yabahaye ko kwipimisha imbere yuko basubira ku mashure, kugirango boye kuzoja kwanduza abandi ku mashure bigako.

Yarangije asaba abakristu kubandanya bamuterera igisabisho, kugirango Imana yo ndongozi nkuru ibandanye imushoboza muri uyo murimo yamushinze, aca abipfuriza imyiteguro myiza ya Yubire y’imyaka 100 Paruwasi Giheta imeze ivutse.

shares
error: Content is protected !!