Kirundi || Français

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye n’Umutambukanyi wiwe bateye iteka ibikorwa vyo gusozera Ihuriro rigira 5 ry’urwaruka

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye n’Umutambukanyi wiwe bateye iteka ibikorwa vyo gusozera Ihuriro rigira 5 ry’urwaruka

 

Bari kumwe na bamwe mu bagize Reta y’Uburundi n’izindi ndongozi z’igihugu, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, bitavye ibikorwa vy’umusi ugira kabiri, ari nawo wa nyuma w’ihuriro ry’urwaruka, ryakoranije urwaruka rwababa 500 mu ntara ya Gitega.

Uyu musi wo gusozera iryo huriro waranzwe n’intahe zitandukanye zagiye zirashikirizwa na bamwe mu rwaruka babaye imboneza mu kwirangurira imigambi yo kwiteza imbere. Iruhande y’izo ntahe, iyu musi waranzwe kandi n’utugenegene two kuryosha ibirori twashikirijwe n’urwaruka nk’uwitwa Mutima n’uwitwa Bakame bo mu ntara ya Makamba.

Inyuma y’izo ntahe z’urwaruka rwabaye imboneza mu kwirangurira imigambi yo kwiteza imbere, Umukuru w’Igihuhu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaciye afata ijambo ryo gusozera iryo huriro rigira 5 ry’urwaruka ryari rimaze imisi ibiri ririko rirabera ngaho ku murwa mukuru wa politike w’Uburundi, aho yabahaye inyigisho zihambaye cane, zishimikiye ahanini kw’iterambere kuri bose kandi ridakumira, na cane cane uruhara rudasanzwe urwaruka tubwirizwa kugira mu rugamba rwo kurwanya ubukene, afatiye ku civugo c’iryo huriro kivuga kiti ” Umwe wese kuco ashoboye, dukore twese”.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashinze intahe, aho yerekanye ingene umukozi wa Reta adashobora gutera imbere, nawe nyene atiyungunganije mu kwirangurira imigambi yo kwiteza imbere, kugirango yunganire agashahara aronka. Yaciye rero ahamagarira urwaruka kwitanga rutiziganya mu gukora, kugirango biteze imbere, bongere baterere mu kuzamura igihugu, gutyo mu myaka iri imbere Uburundi buze buharurwe mu bihugu biteye imbere.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, yeretse kandi urwo rwaruka utwigoro tutari duke Reta idahengeshanya gukora kugirango zina murundi wese, cane cane urwaruka, atere imbere, aha akavuga nk’ibanki y’urwaruka iheruka gushingwa, ibanki y’abakenyezi igiye kuzoshingwa mu misi ya vuba, Umugambi w’ikigega co gushigikira urwaruka biheruka gushirwaho, kugirango urwaruka rushobore kwirangurira imigambi y’iterambere vyoroshe, n’ibindi.

shares
error: Content is protected !!