Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yatanguje ibikorwa vyo kubaka ibiro vya OBR

Umukuru w’Igihugu yatanguje ibikorwa vyo kubaka ibiro vya OBR

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Kigarama, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito yatanguje icese ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa igerekeranije incuro cumi na zibiri izoba ibiro vy’ikigo kijejwe kwegeranya amakori OBR.

Iyo nyubakwa izoba iri ku buringanire bungana n’ibilometero kwadarato 30.000, ni muri Kigobe yo mu Bumanuko, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo mugambi uzotwara imiliyaridi 68 z’amafaranga y’amarundi, uri muri wa mugambi w’igihugu w’iterambere wagutse wo kuva muri 2021, gushika 2027, kandi ubwo buryo bwose bukaba buzotangwa na Leta y’Uburundi.

Ibirori vyaranzwe no gukata igitambara no gushinga ibuye rya mbere mu kibanza kizubakwamwo, Umukuru w’igihugu akaba yabikoze ari kumwe n’Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta, hamwe nuwo ubudandaji, indongozi zikorera mu biro vy’Umukuru w’igihugu n’izo mu kigo kijejwe kwegeranya amakori OBR.

Nkuko bivugwa n’umuhinga azokurikirana ibikorwa vy’iyo nyubakwa, hazoba harimwo ibiro vyinshi n’izindi nyubakwa bijana, ahazoshirwa amamodoka arenga 1000 n’ahateye utwatsi two gushariza. Inyubakwa nkuru izoba ifise ikibanza co munsi cagenewe guhagarikwamwo imiduga, hakurikire inzu yo hasi irimwo uburiro, ububiko, ahabikwa ibitabu, inzu yo kurabiramwo neza ko ata tunenge turi mu vyakozwe, ikibanza cegeranirizwamwo ibijanye n’ivy’ubuhinga bwa none, n’ububiko bw’ibikoresho. Inzu ya mbere itèreras irimwo ibibanza bitatu abakozi bazokwigishirizwamwo, ibibanza bibiri vy’ububiko bw’amadosiye, ububiko mu vy’ubuhinga bwa none, ikibanza kizoshirwamwo ibikoresho vyo kwinonora n’ikibanza co kwinonoreramwo, ikibanza co kugenzura ibikorwa hamwe rero n’ikibanza kizokorerwamwo a Manama kirimwo ibibanza 932.

Kuva ku nyubakwa ya kabiri gushika ku y’icenda uduga hejuru, bizoba ari ibiro birimwo ibibanza 800, inzu umunani z’amanama yakira abantu 784, n’ibindi biro umunani bijamwo abantu 56.
Inyubakwa ya 10 igeretse irimwo inzu y’amanama y’ibibanza 58, inzu imwe yagutse izoba ibiro vy’abakozi 36, ikibanza abashitsi barindiririramwo kwakirwa, ibiro bibiri vy’abanyamabanga, ibiro bibiri vy’ibisongerezi, n’ibindi bibiri harimwo kimwe c’umuyobozi mukuru n’ic’icegera ciwe.

Nkuko vyashikirijwe n’Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta no gufashanya mw’iterambere, uwo mugambi uzomara imyaka ine.

shares
error: Content is protected !!