Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asaba itunganywa rishasha ry’igisata c’uburimyi n’ubworozi

Umukuru w’Igihugu asaba itunganywa rishasha ry’igisata c’uburimyi n’ubworozi

Umukuru w’Igihugu, Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE, yarateye iteka, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 kigarama, ibikorwa  vy’umwiherero ujanye n’ishirwa mu ngiro rya politike nshimikiro y’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije vyabereye muri zone Bugarama, muri Komine n’intara ya Muramvya.

Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije mugusigura ibijanye  niyo politike, yamenyeshejeko ubwo bushikiranganji bugiye gukora uko bushoboye kugirango haboneke umwimbu mwinshi mugihugu kugirango Umurundi wese aronke ivyo afungura bikwiye  hisunzwe umugambi wa Reta Mvyeyi, Reta Nkozi kandi hubahirijwe ibidukikije.

Umushikiranganji Déo Guide RUREMA yamenyesheko biciye muriyo politike ubwo bushikiranganji butegekanya kuzana ibindi biterwa njabukamazi mu nutumbero yo kugwiza amafaranga y’agaciro, kubaka amahinguriro 9 ahingura ivyimburwa, kugwiza ibitungwa mu gihugu kurugero rw’ibice bitanu kwijana, kugarukana muminwe ya Reta amatongo yanyazwe, kubaka ama hangare yo gushingura umwimbu muburere butandukanye, gukingira inzuzi hamwe rero no kugwiza amashamba mugutera ibiti.

Mwijambo yashikirije, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yarashimikiye kukamaro kuwo mw’iherero ko uje gutanga intumbero kubakora mugisata c’ubutimyi, abajejjwe intwaro, abagwizatunga hamwe n’abasanzwe bafasha mu gisata c’uburimyi kugirango umwe wese amenye uruhara afise mw’iterambere ry’igihugu.

Umukuru w’Igihugu yaramenyeshejeko «  atari Reta irima mugabo ko ari abenegihugu, Reta nayo ikabafasha mukubaronsa ubumneyi bukenewe kugirango hagwizwe umwimbu.  Kubwa Nyenicubahiro  abagwiza tunga nabo bahamagariwe guha agaciro ivyimburwa mukubishora hanze kugirango bishobore kwinjiza amafaranga y’agaciro mu gihugu.

Umukuru w’Igihu yaravuniye akagohe abajejwe intwaro ko uruhara rwabo ari nkurwo intwazango. Ati «  mukwiye kumenyako urugamba rwambere tugwana arurwo guteza imbere uburimyi n’ubworozi. Nimwe mukwiye kurongora abenegihu. Ntamusoda mubi abaho ariko habaho intwazangabo mbi ».

Abasanzwe bafasha mugisata c’uburimyi n’ubworozi yabibukije ko bakwiye gutegura imigambi bisunze intumbero ya Reta kugirango ibe koko imigambi igirira akamaro igihugu, kandi imigambi yose yateguwe igashirwa mu ngiro kugirango uburyo bwateguwe bwose bukoreshwe.

Nyenicubahioro Umukuru w’Igihugu yaciye ashira ahabona ivyo Reta yipfuzako vyorangurwa kugirango umwimbu ugwizwe mu gihugu n’inzara ituzwe.

Umukuru w’Igihugu Evariste NDAYISHIMIYE yamenyesheko yipfuzako amatongo yose ya Reta akorerwamwo imigambi, abarimyi nabo bagahimirizwa gukorera  mu kibiri kugirango barwize umwimbu banagwanye n’itituka ry’isi.

Sebarundi yasavye Ubushikiranganji bujejwe uburimyi gusubira gutanga inyingisho kubirimizi biciye mubagenduzi b’indumo. Icipfuzo ciwe ngo nukubona intara ya Kirundo isubira kuba ikigega c’igihugu. Ahamagarira abarimyi kwijukira gutera ibinyantete kugira bagwize umwimbi kandi barwanye inzara, hanakorwe n’ubworozi bw’inzuki kugirango harwizwe ibidandaza vyo gushora hanze, gurtyo bizane amafaranga y’agaciro mu gihugu.

Kubijanye  nivyo abagwizatunga bagiye barashikiriza bijanye n’intambimyi bahura nazo mu mwuga wabo, Umukuru w’Igihugu yarabaremesheje ko Reta izogira uko ishobora kugirango irwanye urudandanzwa rutemewe n’amategeko.

Mukurangiza Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yamenyeshejeko guteza imbere uburimyi n’ubworozi ariyo nzira yonyene yogushika kw’iterambere rirama. Aca ahamagarira Abarundi bose, umwe wese kubimwege, kugira ico aterereye mw’iterambere ry’igihugu.

Tubamenyesheko imbere yuko yitaba uwo mwiherero, Umukuru w’Igihugu yaruguruje icese inyubakwa y’akarorero yo kwakira ingezi « Green Park Resort » yegukira umurwizatunga azwi kw’izina rya Antoine MUZANEZA, iri muri zone Bugarama, muro Komine n’intara ya Muramvya.

 

 

 

 

shares
error: Content is protected !!