Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu ahamagarira amahinguriro ya Reta kwongereza akanovera k’ivyo bahingura

Umukuru w’Igihugu ahamagarira amahinguriro ya Reta kwongereza akanovera k’ivyo bahingura

Umukuru w’Igihugu C’Uburundi, Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE Varisito yabandanirije ibikorwa vyiwe vyo kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 17 Kigarama 2020 kw’ihoteri « Club du Lac Tanganyika » aho yateye iteka ibirori vyo kwugurura icese ihayanishwa rigira gatatu ry’amahinguriro, ryatunganijwe n’Ishirahamwe ry’Amahinguriro yo mu Burundi ku civugo: « Amahinguriro ni nkenerwa mw’iterambere».

Ivyo birori vyari vyatewe iteka kandi n’Umushikirangaji ajejwe Ubudandaji, Amahinguriro, Ingenzi no Gutwara Abantu n’Ibintu, Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, Uwurongoye Trade Mark East Africa hamwe n’Uwurongoye Amahuriro y’Ubudandaji n’Amahinguriro mu Burundi, Abayobozi bakuru mu Biro vy’Umukuru w’Igihugu hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Mw’ijambo ryiwe, Uwurongoye Ishirahamwe ry’Amahinguriro mu Burundi, umushingamateka Olivier SUGURU yamenyesheje ko iryo hayanishwa ryama riba mu ntumbero yo kwerekana ko mu Burundi hari amahinguriro ashobora guterera mw’iterambere ry’Uburundi mu gutanga akazi, mu kwongereza imibereho mu miryango no mu kugabanya ubushomeri . Yagize ati :«Turemeza kandi ko mu Burundi hari amahinguriro naho agikeneye kumenyekanishwa ».

Uwurongoye Amahuriro y’Ubudandaji n’Amahinguriro mu Burundi yateye intege abateguye ico gikorwa yongera amenyesha ko iryo hayanishwa rigira gatatu rije rikenewe kuko ritanga akaryo ku mahinguriro yo mu Burundi, mu karere ka Afrika y’Ubuseruko nayo muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo ko gushira ahabona ivyo bakora.

Kubw’Umurongozi wa Trade Mark East Africa ari nawe yashigikije uburyo iryo hayanishwa rigira gatatu, urudandazwa n’amahinguriro biguma ari vyo mushinge w’iterambere mu Burundi no muri kino gihe ca Korona.

Akoresheje aya majambo, Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko nawe yagize ati : « Ata mahinguriro nta terambere », Yongeyeko ati : « amahinguriro ateguwe neza azogabanya ubushomeri yongere ateze imbere imiryango yo muri Afrika y’Ubuseruko ».

Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE Varisito, mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko ata gihugu na kimwe gishobora gutera imbere ata mahinguriro n’ubudandaji. Yongeye kandi ahamagarira abarwizatunga kw’ijukira kurwana urugamba Reta yatanguje rwo kurwanya ubukene.

Umukuru w’igihugu yaciye asaba amahinguriro yegamiye Reta kurwiza akanovera k’ivyo bahingura kugira bashobore guhiganwa n’abandi bo mu karere mbere kw’isi yose. Yongeye kandi arahumuriza abarwizatunga ko Reta ataco itazokora mu gushiraho politike ituma amahinguriro y’Uburundi atera imbere.

Ibirori vyasozerewe no kugendera ibibanza bigurishirizwamwo ivyahinguwe bitandukanye.

shares
error: Content is protected !!