Kirundi || Français

Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yaganiriye n’abanyeshure bo kw’ishure ryitiriwe umweranda Gustino ryo mu Gitaramuka

Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yaganiriye n’abanyeshure bo kw’ishure ryitiriwe umweranda Gustino ryo mu Gitaramuka

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu, Nyencibahiro Angeline Ndayishimiye, yaragendeye, kuri uyu wa 3 Kigarama, umwaka w’2020, ishure ryitiriwe umweranda Gustino ryo mu Gitaramuka, komine Gitaramuka, mu ntara ya Karusi. Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu akaba yari agiye kuganira n’abanyeshure bo kuri iryo shure ku bijanya no kwitegurira kazoza kabo, irondoka rijanye n’amagara meza, kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, no kurwanya indwara ya kanseri y’igitereko.

Mw’ijambo yashikirije mu kwugurura urwo ruganda, Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, yasavye urwaruka rwo kuri iryo shure kwigenza neza, kwiha ihangiro n’inzira bokurikiza kugira bashikire iryo hangiro, ku bwa kazoza keza kabo. Yabasavye kandi iminsi yose gusaba impanuro ku bavyeyi n’ababakurira, na cane cane mu gihe boba bagomba gufata ingingo canke aho hose boba bazazaniwe kuco bofata canke mu gihe boba bari mu bibazo ivyari vyo vyose.

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yarahaye kandi izindi mpanuro urwaruka, zizobafasha kugira bashikire ako kazoza keza. Yabahamagariye kwitandukanya n’ingeso mbi zoshobora kubakwegera mu mabi, kazoza kabo kakaba gatabagaye. Izo nazo ni nk’ubushurashuzi no kunywa ibiyayuramutwe, ari vyo bibazanira indwara zitandukanye nk’ikiza ruhonyanda SIDA n’izindi.

Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yaravuniye akagohe urwo rwaruka ku nzira bofata kugira bitandukanye n’ingeso mbi. Yabasavye gukoresha umwanya wose boba ataco bariko barakora, mu gukora ibikorwa vy’Imana, nko kuja muri mihari yo kuririmbira Imana no muyindi mirwi aho bashobora kwumva ubutumwa bwiza.

Muri urwo rugendo, Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu, yari yagiye yitwaje akaganuke kuri iryo shure kagizwe n’imatera 100, imashini nyabwonko ngendanwa, icuma gisohora ivyandikiwe ku mashini nyabwonko, ibikoresho vyo kwinonora imitsi, umuceri n’ibiharage.

Ishure ryitiriwe umweranda Gustino ryo mu Gitaramuka, n’ishure ryigako abanyenshure b’abigeme n’abahungu bangana 340, baba mu ndaro, rikukira diyoseze ya Muyinga.

shares
error: Content is protected !!