Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu ahamagarira abarundi gutera intambwe muvyo gukunda igihugu, mu kwijukira gutanga ikori, kugirango itunga ry’igihuhgu ryisununure

Umukuru w’Igihugu ahamagarira abarundi gutera intambwe muvyo gukunda igihugu, mu kwijukira gutanga ikori, kugirango itunga ry’igihuhgu ryisununure

 

Kuri uyu wa 3 Kigarama 2020, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE Varisito yateye iteka ibirori vyo gusozera indwi yahariwe umutangakori, yatunganijwe n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR, ivyo bikorwa bikaba vyari bimaze imisi biriko birabera ku kibuga c’inkino citiriwe Ku Gasaka, mu ntara ya Ngozi.
Ivyo birori vyatangujwe no kwugurura icese ihoteri Belan, yubatswe ku mugwa mukuru w’intara ya Ngozi, ikimenyetso co gushigikira Reta y’Uburundi ku twigoro twayo ntangere two guhimiriza abenegihugu ngo bijukire kwiteze imbere. Mu ntumbero yo gushimira Sebarundi, ishirahamwe Belan Group, rikaba ari naryo uwo mugambi wegukira, ryamushikirije akaganuke k’igikoresho ndangakaranga, cahinguwe n’umwenegihugu wo muri ako karere.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE yaronse kandi akaryo ko kuganira n’abatangakori batari bake, mu gihe yariko aragenzura ibibanza bitandukanye vy’ihanyanishwa-gusishwa, yari rimaze imisi ririko rirabera ku kibuga c’inkino co Ku Gasaka. Yabashimiye ku ntererano yabo ntangere mw’iterambere ry’igihugu.

Hakurikiye ijambo ryo kwakira abashitsi ryashikirijwe na Buramatari w’intara ya Ngozi, hakurikira ijambo ry’uwurongoye ikigo OBR, hanyuma ijambo ry’Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta no gutunganya imigambi. Bose bagarutse ku ruhara ntangere rw’umutangakori mw’iterambere ry’igihugu. Bashimye kandi ko muri kino gihe, abenegihugu bamaze gutahura akamaro ko gutanga ikori.

Ijambo nyamukuru ryo kuri uyu musi wo gusozera indwi yahariwe umutangakori ryashikirijwe na Nyanicubahiro Umukuru w’Igihugu NDAYISHIMIYE Varisito, aho yibukije zina mwenegihugu wese ko ategerezwa kwijukira gutanga amakori n’amatagisi, nkuko amategeko y’igihugu abitegekenya, kugirango igihugu cacu kibone gutera imbere muvy’ubutunzi. Yagize ati :

«Igihugu ntigishobora gutera imbere, abenegihugu bose batabishizemwe uruhara. Iterambere ry’igihugu, si uruhara rwa Reta gusa, Reta ifasha gusa mu bijanye no gutunganya neza no gukurikirana ingene ibikorwa biriko birarangurwa. Ndasubiye kubemerera ko Reta y’Uburundi ataco itazokora kugirango ishigikire utwigoro tw’abenegihugu n’abanyamitahe mu bijanye no kugwiza umwimbu, na cane cane abafasha mu gutanga ubuzi, n’abatanga neza amakori n’amatagisi »

Mu ntumbero yo gutera intege abatangakori bigenjeje neza, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE yabahaye ubushimwe, aca aranagabisha abakora urudandazwa rwo mu kinyegero, hamwe n’abajejwe intwaro bamwe bamwe bafise uruhara muri ivyo bikorwa bigayitse. Yasavye Ubushikiranganji bw’Ubutungane guhasha bwivuye inyuma igiturire n’urudandazwa rutemewe n’amategeko.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yavuze kandi ko abakora urudandazwa rwo mu kinywabi, co kimwe n’abo bose babifisemwo uruhara, batuma itunga rw’igihugu sisubira inyuma. Yaciye asaba ubutungane kubakurikirana no kubahasha ku rugero rumwe n’abakora ivyaha vy’ubugizi bwa nabi no guhungabanya umutekano w’igihugu.

shares
error: Content is protected !!