Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yaganutse ava Libreville

Umukuru w’Igihugu yaganutse ava Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste
yaganutse avuye mu rugendo rw’imisi ibiri mu gihugu ca Gabon aho yari yitavye Inama isanzwe igira 18 y’Abakuru b’ibihugu b’Ishirahamwe ry’ubutunzi rya Afrika yo hagati CEEAC.

Ashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye, Umukuru w’igihugu yakiriwe n’abashikiranganji ba Leta y’Uburundi, ingabo z’igisoda n’igipolisi n’izindi ndongozi zikorera mu Biro vy’Umukuru w’igihugu.

Ku vyerekeye ugufashanya kuri hagati y’Uburundi na Gabon, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yavuze ko imigenderanire y’ivyo bihugu ari iya kera mu bisata vy’ubudandaji, gutwara ibintu n’ingenzi mu kirere no guhana abakozi.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye Evariste yamenyesheje ko yaronse akanya ko kubonana na Mugenziwe wa Gabon, akaba yaranamushimiye ku kuntu igihugu ca Gabon gifasha Uburundi. Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yagarutse ku gikorwa cakozwe n’uwahoze ari Umukuru w’igihugu ca Gabon Nyenicubahiro Omar BONGO ODIMBA mu biganiro vyo kurondera amahoro vyabaye hagati y’abarundi, ikimenyetso cerekana ko Gabon yamye ishigikiye Uburundi.

Muri uwo mubonano, abo bakuru b’ibihugu bompi bashitse ku kuntu hoshingwa umurwi uhurikiyemwo abaserukiye impande zose kugira ngo bigire hamwe ibikenewe kugira ngo amasezerano yasinywe hagati y’ivyo bihugu aje mu ngiro. Umukuru w’igihugu ca Gabon aripfuza kubona ibihano vyafashwe Uburundi burenganijwe bikurwaho.

Ku vyerekeye iyo nama y’Abakuru b’ibihugu vya CEEAC, Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko abayitavye baronse akaryo ko kurabira hamwe uko umutekano wifashe mu bihugu vyose bigize iryo Shirahamwe. Kuri ico baneguye uko umutekano wifashe mu Buseruko bwa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo no muri Centrafrika.

Ku vyerekeye Repubulika ya Centrafrika, abo Bakuru b’ibihugu bipfuje kubona ibihano vyafatiwe ico gihugu ku bijanye n’ibirwanisho bikurwaho, mu ntumbero yuko Leta yorondera ibirwanisho igaharanira umutekano w’igihugu. Baraneguye ko hari uturwi twitwaje ibirwanisho baca basaba ko hoba umugambi wo kwaka ibirwanisho abatabifitiye uruhusha; abo na bo bagaca basubizwa mu buzima busanzwe. Baraniyamirije isahurwa ridasanzwe ry’ubutunzi kama bw’ico gihugu.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yarabonanye, inyuma y’iyo nama, na Mugenziwe wa Centrafrika. Uwo akaba yaramukeje Ku ruhara Uburundi bufise mu kurondera amahoro muri ico gihugu. Ati abenegihugu ba Centrafrika barashima inyifato y’ingabo z’Uburundi.

Muri iyo nama baraganiriye ku kuntu bofashanya gusumba mu vy’ubutunzi, baca babona ko hoba kwubaka amabarabara ahuza ivyo bihugu vy’iryo shirahamwe.

Iyo Nama yasozerewe no gushiraho indongozi nshasha igiye kurongora iryo shirahamwe, na we akaba ari Denis Sassou Nguesso, Umukuru w’igihugu ca Gabon.

shares
error: Content is protected !!