Kirundi || Français

Umubonano wa Nyenicubahiro Ndayishimiye na mugenziwe Ali Bongo

Umubonano wa Nyenicubahiro Ndayishimiye na mugenziwe Ali Bongo

Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye , Umukuru w’igihugu c’Uburundi, muragendo arimwo mugihugu ca Gabon, yagiranye ibiganiro n’Umukuru w’Igihugu ca Gabon Ali Bongo Ondimba. Nyenicubahiro Ndayishimiye yashimiye Ali Bongo kukuntu yakiranywe igishika cinshi hamwe n’abamuherekeje, aranashima kandi ko imigenderanire yatanguye kera cane n’ubu ikibandanya kandi iguma itera imbere nk’umuzinga.

Nyenicubahiro Ndayishimiye kandi yamushimiye hamwe n’abenegihugu ba Gabon kuko na Se wiwe Omar Bongo yagize uruhara rudasanzwe mu masezerano yo kugarukana amahoro mu Burundi hamwe no guhagarika intambara burundu. Yongeye kandi arashimira Perezida Ali Bongo ku majambo yavugiye ku ntatemwa y’Incungu za Demokarasi i Bujumbura mu mwaka w’2015. Muri ayo majambo, yarerekanye neza ko uko amakungu yerekana ikibazo c’uburundi atariko cari kimeze, kandi yabaye intango y’ihinduka kubatera akagere igihugu cacu.

Nyenicubahiro Ndayishimiye yasobanuriye neza Perezida Ali Bongo ukugene twatunganije amatora y’akarorero dukoresheje uburyo 100% butanzwe n’abarundi, ubu igihugu kikaba gifise amahoro, umutekano n’impore impande zose kandi Reta ikaba iriko irarangura imigambi y’iterambere ihereye ku migambi yihuta cane cane ibijanye n’Intwaro ibereye, Uburimyi n’ubworozi, kwitaho urwaruka, gutahukana impunzi no kwitaho abakukuruke.

Abakuru b’ibihugu uko ari babiri bemeranije ko hagiye gushirwaho umugwi wagutse  wo kwihweza amasezerano yoshirwako umukono mu misi iri imbere, impande zose zikaba zizovugana aho inama ya mbere izobera mu mwaka wa 2021.
Barangije kandi bemeranije ko bipfuza guhanahana abakozi (main d’oeuvre) hamwe n’ibidandazwa bivuye mu burimyi n’ubworozi.

 

shares
error: Content is protected !!