Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yafashe urugendo agana i Libreville

Umukuru w’Igihugu yafashe urugendo agana i Libreville

 

Umukuru w’Igihugu, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, aherekejwe n’umutambukanyi wiwe,Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, yafashe urugendo ruzomushikana I Libreville muri Gabon.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yitavye inama igira 18 y’Abakuru b’Ibihugu n’ama Reta bigize ishirahamwe riraba ivyo ubutunzi ry’Ibihugu biri mukarere ko hagati, CEEAC,  itegekanijwe kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Munyonyo 2020.

Iyo nama isanzwe rero akaba ari iyambere itunganijwe kuva ikiza Coronavirus gitangura, abayitumiwemwo bakaba bazokwishikira aho izobera.

Tubibutseko, ishirahamwe CEEAC ryashinzwe muntumbero yo gufasha mw’iterambere ry’ibihugu vya Africa mugushiraho inzego zizotuma hazohava hashingwa isoko rusangi.

 

shares
error: Content is protected !!