Kirundi || Français

Umuryango w’Umukuru w’Igihugu wahimbarije umunsi mukuru wa Kristu- Mwami muri Paroisse Gasura

Umuryango w’Umukuru w’Igihugu wahimbarije umunsi mukuru wa Kristu- Mwami muri Paroisse Gasura

 

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste, ari kumwe n’umutambukanyi wiwe n’abana biwe bifadikanije kuri uyu wa Mungu n’abakirisu ba Paruwase yitiriwe Abamaratiri Beranda b’Ubuganda ya Gasura, muri Komine ya Mbuye mu ntara ya Muramvya, mu nkuka y’imisa.

Mu nsiguro y’uwu musi, Patiri mukuru wa Paruwase Gasura, imwe mu maparuwase agize diyoseze nkuru ya Bujumbura yashimikiye ku nkuru nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Matayo 25: 31-46, ahavuga ibihe vya nyuma, aho Umwana w’Umuntu azogaruka mu buninahazwa bwiwe, ari kumwe n’abamarayika. Azovyagira ku ntebe y’icubahiro kandi amahanga yose azoba ari imbere yiwe. Azotandukanya aba n’abandi nkuko umwungere asobanura intama n’amahushi. Intama azoziherereza iburyo nayo amahushi ibubamfu.

Mu gihe abakirisu bahimbaza Umusi mukuru wa Kristu-Mwami, yabasavye kwimika uwo Mwami Yezu mu mitima n’ubwenge bwabo, bakorere Imana mu mvugo no mu kuri kugira bazotoranwe ubwami bw’ijuru. Yabasavye kandi gusengera indongozi z’igihugu, kugira ngo zishobore kuyobora neza abenegihugu nokubera koko abasuku igihugu c’Imana.

Mu kuramutsa abakirisu, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yashimiye Imana igikingiye igihugu. Yaciye asaba abakirisu ba Paruwase Gasura, mbere n’abarundi muri rusangi kubandanya kwegera Imana mu gusenga cane, mugabo babandanya bitaho ibikorwa vy’iterambere kugira ngo umunwa wose uronke ico ufungura n’umufuko wose uronke amafaranga.

Mu gihe abakirisu ba Paruwase Gasura bariko bariyubakira iyindi sengero, Umukuruw’Igihugu yabaterereye imifuko 200 y’isima. Umuryango w’Umukuru w’igihugu uri kumwe n’umuryango wa Nzobonariba Philippe avugira umurwi ujejwe amatora CENI,akaba avuka muriyo paroisse nyene, biyemeje kuzofasha mu kwubaka arutari.

shares
error: Content is protected !!