Kirundi || Français

Gutahukana ku nguvu abagirizwa gutembagaza ubutegetsi bari mu Rwanda no kwugara burundu Ibiro vy’Intumwa idasanzwe ku Burundi, ni vyo bintu Umukuru w’igihugu n’intumwa idasanzwe ya ONU bayaze

Gutahukana ku nguvu abagirizwa gutembagaza ubutegetsi bari mu Rwanda no kwugara burundu Ibiro vy’Intumwa idasanzwe ku Burundi, ni vyo bintu Umukuru w’igihugu n’intumwa idasanzwe ya ONU bayaze

 

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yarahaye umubonano kuri uyu wa kabiri ku Biro vy’umukuru w’igihugu Ntare Rushatsi, uwitwa Huang Xia, intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga Mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga binini.

Ahejeje guha ikaze uwo mushitsi n’abo yaje arongoye, Umukuru w’igihugu yabasobanuriye ku buryo bwiyaguye uko ibintu vyifashe mu gihugu, ukugene igihugu cose gitekanye, hamwe rero n’umugambi wiwe muremure uvuga ibisata vyo gushimikirako kugira habe ukurwanya ubukene n’iterambere ry’Uburundi, kugira ngo umunwa wose uronke ico ufungura n’umufuko wose uronke amafaranga. Umukuru w’igihugu arashima n’umwumvikano uri hagati yiwe n’Umunyamabanga Mukuru wa ONU.

Iyo ntumwa Huang Xia yamushikirije ubutumwa bwo kumukeza n’indamukanyo vy’Umunyamabanga Mukuru wa ONU Antonio Guterres.

Huang Xia yari yaje azanye ubutumwa bubiri bw’Umunyamabanga Mukuru wa ONU bwerekeye iyugarwa burundu ry’ibiro vy’intumwa idasanzwe ku Burundi, hamwe rero n’ukugarukanwa ku nguvu kw’abagerageje gutembagaza ubutegetsi bari ku butaka bw’igihugu c’Urwanda.

Ahereye ku gisabo c’Urwanda co kurungika abashatse gutembagaza ubutegetsi bahawe indaro muri ico gihugu, Huang Xia yamenyesheje Umukuru w’igihugu ko Urwanda rufise ishaka ryo kurungika abo bagirizwa gutembagaza intwaro, ati mugabo bipfuza ko bobatanga bagiwe hagati n’umuhuza   canke n’ ikindi gihugu. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabamenyesheje ko ata muhuza mvamahanga akenewe na gato kuko abenegihugu b’ivyo bihugu baregeranye cane kandi bashobora kwumvikana kuko bakoresha indimi zihakwa gusa. Umukuru w’igihugu yarongeye ati ingorane yonyene ihari hagati y’Uburundi n’Urwanda nuko gihaye indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi, ikaba ari yo ngorane nyamukuru. Yarongeye ati vyongeye, hari imibonano iriko iraba  mu ntumbero yo gushira ku rutonde imigenderanire hagati y’indongozi z’Uburundi n’iz’Urwanda. Inyuma y’umubonano hagati y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, indongozi z’ibisata bijejwe iperereza, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yamenyesheje ko mu kwezi kwa Kigarama hategekanijwe inama y’abashikiranganji b’ivyo bihugu vyompi bajejwe ubutungane kugira bavugane ivyokorwa vyerekeye abo bagerageje gutembagaza ubutegetsi.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye Evariste yibukije ko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryubakiye ku kwubahiriza Leta yubahiriza amategeko, uguhana ivyaha, no gutsimbataza ubwingenge. Mu gihe biri uko, kwoba ari ugusaba ikintu n’igihushane caco mu gihe hosabwa ibiganiro canke ugushigikira abantu bakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi ku bibi bakoze; yanibukije ko ubutungane butadindizwa, ukutubaha amategeko na vyo bikaba bituma haba kutubahiriza amateka y’abantu n’amateka ya politike, ivyo na vyo bikaba vyotuma haba kwica benegihugu mu gukingira akarwi k’abantu babahekuye.

Bisubiye, iyo ntumwa idasanzwe y’Umunyamabanga Mukuru wa ONU yamenyeshejwe ko Uburundi buzocira urubanza rubereye abo bagerageje gutembagaza ubutegetsi nk’uko vyagenze ku bo bagirizanywa icaha kimwe kandi bamaze gucirirwa imanza hubahirijwe agateka kabo. Bamwe muri bo bakaba banamaze kwandikira Umukuru w’igihugu basaba ikigongwe c’Umukuru w’igihugu.

Ku vyerekeye ubutumwa bwa kabiri, iyo ntumwa idasanzwe yabwiye Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu Ndayishimiye Evariste ko Umunyamabanga Mukuru wa ONU yakiriye neza icipfuzo ca Repubulika y’Uburundi co kwugara Ibiro vy’intumwa idasanzwe ku Burundi ryoba kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2020.

Yamumenyesheje ariko icipfuzo ca Antonio Guterres co guha Ibiro vy’Umunyamabanga Mukuru hagati y’amezi 9 na 12 mu ntumbero yo gutunganya ibijanye n’intwaro, ibikoresho n’amategeko bijanye no kwugara burundu harimwo guhagarika amasezerano y’akazi ku bakozi bakoreshwa , abo mu Burundi n’abo hanze, kuriha amadeni n’ibindi vyose bijanye n’amafaranga,…etc.

Umukuru w’igihugu yabwiye umushitsi wiwe ko imvo zatumye ivyo biro bishingwa zitakihari, ari na co gituma rero Uburundi bwafashe ingingo ko vyugarwa.

Ku vyerekeye ico kiringo co kwisuganya, Nyenicubahiro Ndayishimiye yabimwemereye abonye ko impande zompi zumva kumwe ko ivyo biro vyokwugarwa burundu. Yabonye ko ari ibibazo vy’ubuhinga bidateye ingorane, ati abahinga b’abarundi bakorane n’aba ONU kugira bashire ku rutonde ibikenewe vyose n’ikiringo cavyo.

Uwo mubonano wasozerewe hagaragara ugushaka ku mpande zose kwo kubandanya bavugana, bakanabandanya gutsimbataza imigenderanire myiza hagati y’Uburundi na ONU.

shares
error: Content is protected !!