Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asabako habaho ugufashanya n’ ukwubahana hagati y’ibihugu bigize CPGL

Umukuru w’Igihugu asabako habaho ugufashanya n’ ukwubahana hagati y’ibihugu bigize CPGL
  1. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste, ari ku murwa mukuru w’ubutunzi wa Bujumbura, yitavye inama isanzwe y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ibihugu binini CIRGL, ikaba yatunganijwe kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo, kuri bwa buhinga ngurukanabumenyi ku civugo ngo ” Gukora ibishoboka mu gushira mu ngiro amasezerano y’umutekano n’iterambere ry’akarere k’ibiyaga binini mu kwongereza ugufashanya n’iterambere ry’ubutunzi mu karere.

Imbere yo gutanguza ivyo ibikorwa, Denis Sassou Nguesso arongoye iyo nama, yabasavye gufata umunota w’agacere, mu kwibuka Nyenicubahiro umuhisi Nkurunziza Petero aherutse kwitaba Imana muri Ruheshi 2020.

Mw’ijambo ryo gutanguza ibikorwa vy’iyo nama isanzwe igira umunani ya CIRGL, Nyenicubahiro Denis Sassou Nguesso yagaragaje umunezero w’ukuntu politike igenda neza mu bihugu bigize ako karere, bikerekana neza ko biva ku kuntu ivyo bihugu na leta zavyo vyugurukiranira.

Yakeje kandi Uburundi na Tanzania ku kuntu amatora yagenze neza aca agirako yipfuriza amatora meza igihugu ca Centrafrique.

Yashimye kandi inguvu zo kugarukana amahoro n’umuvukano ziriko zirakoreshwa hagati y’Uburundi n’Urwanda. Ati ndabipfurije guteza imbere ivyo bikorwa vyiza ku neza y’ababa muri ivyo bihugu. Ati mfashe akanya ko gutera akamo abasanzwe bafasha mu gukomeza amahoro kuko hari ibikorwa bimwe bimwe bifasha inyungu zidahwanye n’ivyipfuzo vy’abenegihugu.

Mu gihe Umunyamabanya mukuru wa ONU Antonio Guterres yari umutumire muriyo nama isanzwe igira 8 ya CIRGL, yashimye ingene ibihugu vya CIRGL vyahagaze rugabo muri ibi bihe isi ihanzwe n’ikiza ca Coronavirus.  Ku vyerekeye umutekano w’ako karere, yasavye imirwi yose yitwaje ibirwanisho irwanira mu Buseruko bwa RDC guhagarika intambara vuba na bwango.
” Turabona neza ko hari vyinshi vyakozwe mugabo ingorane ntizibuze, cane cane izerekeye umutekano mubice bimwe bimwe. Iyo mirwi ikaba ikoresha bidaciye mu mategeko ubutunzi kama bw’ico gihugu. Turasavye abo vyega bose gufata ingingo zitari iz’igisirikare mu gutora inyishu z’amatati.

Ari kumwe n’abandi bategetsi b’igihugu harimwo umushikiranganji w’imigenderanire no gufashanya n’ayandi makungu, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yafashe ijambo muri iyo nama ibaye iya mbere y’Abakuru b’ibihugu agiyemwo nk’Umukuru w’igihugu.

Yabanje gukeza Nyenicubahiro Denis Sassou Nguesso ku nyifato yiwe mu migenderanire, mu burongozi, mu buryo akora mu ntumbero yo gushira mu ngiro amasezerano y’umutekano n’iterambere mu karere k’ibiyaga binini”.

Kuri ivyo, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yasavye Leta zose zigize CIRGL kwubahiriza amasezerano bo nyene bisinyiye. Ati mu kugira tubungabunge amahoro n’umutekano bigaragara muri rusangi mu karere kacu, naho hakiri imirwi imwe imwe yitwaje ibirwanisho iri mu buseruko bwa RDC, turasavye ukwubahirizwa kw’amasezerano y’umutekano n’iterambere mu karere k’ibiyaga binini, na cane cane itegeko rigira gatanu ry’amsezerano y’ukutavogerana no kwirwanira mu karere k’ibiyaga binini”.

Kuri ivyo, Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yashimye ingingo yafashwe na MCVE yo gusubiza Leta y’Uburundi inkozi z’ikibi zazananye mu Rwanda, zikongera zikirukirayo zihejeje gukora ibara mu miryango ata co yazira.

Mu gusozera ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yifadikanije na Mugenziwe wa Congo akaba ari na we arongoye CIGRL ku nyungu z’ibiganiro no kuvugana mu ntumbero yo gutora inyishu ku bibazo bibangamira amahoro n’umutekano mu karere.

Iyo nama isanzwe y’Abakuru b’ibihugu yasozerewe mu kanyamuneza k’umuvukano kandi bakaba bashinze ko Umukuru w’igihugu ca Angola agiye kurongora CIRGL mu kiringo c’imyaka ibiri.

shares
error: Content is protected !!