Kirundi || Français

Ibihugu vy’Uburundi na Uganda vyipfuza gukomeza imigenderanire

Ibihugu vy’Uburundi na Uganda vyipfuza gukomeza imigenderanire

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE Varisito, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 19 Munyoyo 2020, yahaye umubonano uwuserukira igihugu ca Ouganga mu Burundi, Général Major Mathieu KYALIGONZA.

Uyo mushitsi, asanzwe ari nawe arongoye abandi baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, yakeje Sebarundi ku matora meza abarundi baherutse kwitunganiriza mu mahoro n’umutekano ntangere, ata mfashanyo zivuye hanze. Yaboneyeho n’akaryo ko guhoza abarundi ku rupfu giturumbuka rw’uwahoze arongoye Uburundi, umuhisi Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA, urupfu rwashitse uyo aserukira Ouganda atari ngaha i Burundi.

Uyo mushitsi yakeje kandi intambwe Uburundi bugezeko mu kurwanya ikiza ca COVID-19, akeza Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE Varisito ku ngingo zihambaye yafashe zo kurwanya ico kiza, mu mahoro n’ituze ntangere.

Ku bijanye n’imigenderanire, Uwuserukira Ouganda ngaha mu Burundi KYALIGONZA yavuze ko yipfuza ko imigenderanire yo gufashanya hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri yokomezwa,  hagakurwaho n’impapuro zahora zisabwa ku barundi n’abaganda bipfuza kwinjira canke kuba muri ivyo bihugu uko ari bibiri, co kimwe no mu bihugu biri mukarere ka  Africa y’Ubuseruko.

Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE Varisito nawe yamenyesheje ko ibihugu vya Ouganda n’Uburundi vyamye bifitaniye imigenderanire myiza y’ubucuti no gufashanya kuva kera, na cane cane mu gisata c’ubutunzi. Yaciye mbere amusaba kuzomushikanira ubutumwa kwa mugenziwe wa Ouganda bwo kumushimira, ku kuntu ico gihugu gifasha Uburundi mu gisata c’Ubudandaji.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE Varisito yahaye kandi umubonano uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi Li  Changlin, aho bayaze ku bijanye n’imigenderanire yo gufashanya hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri.

shares
error: Content is protected !!