Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yarangije urugendo rw’iminsi 5 yarimwo muri Guinée Equatoriale

Umukuru w’Igihugu yarangije urugendo rw’iminsi 5 yarimwo muri Guinée Equatoriale

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yasozereye urugendo rw’akazi yatanguye kw’igenekerezo rya 02 Munyonyo mu gihugu ca Guinée Équatoriale, ari kumwe n’umutambukanyi wiwe.
Urwo rugendo yarukoze yitavye ubutumire bwa Mugenziwe Teodoro Obiang Nguema Mbasogo, Umukuru w’igihugu ca Guinée Équatoriale.

Abashikiranganji batanu ba Leta y’Uburundi bari bajanye ni Shingiro Albert, umushikiranganji ajejwe ibiraba imigenderanire n’ayandi makungu no gufashanya mw’iterambere, Alain Tribert Mutabazi umushikiranganji wo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba, Muganga Thaddée Ndikumana ajejwe amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA, Déo Guide Rurema umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, umushingamateka Immaculée Ndabaneze umushikiranganji w’ubudandaji, gutwara abantu n’ibintu, amahinguriro n’ingenzi.

Mw’itangazo ryanditswe n’impande zose mu gusozera urwo rugendo rw’akazi,  rimenyeshako urwo rugendo rwa Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu ruri mu ntumbero y’imigenderanire myiza cane y’ubucuti no gufashanya isanzwe iri hagati y’ivyo bihugu bibiri, igenda ishimangirwa ku musi ku musi n’ubushake no kwitanga kw’abo bakuru b’ibihugu.

Ari muri urwo rugendo mu gihugu ca Guinée Équatoriale, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yarayaze kenshi na Mugenziwe wa Guinée Équatoriale mu kirere c’umuvukano mwiza n’ubwumvikane, ari na co catumye baca hirya no hino ivyerekeye ugufashanya hagati y’ivyo bihugu, baranaravye ku buryo bunonosoye ingene ugufashanya kwokwaguka mu bisata vyinshi ku nyungu za bose, ku neza y’abenegihugu b’ivyo bihugu uko ari bibiri.

Amasezerano atandatu yo gufashanya yarasshizweko igikumu n’ivyo bihugu uko ari bibiri kandi izo mpande zompi zasezeranye gutsimbataza ukwo gufashanya mu gushira ahabona ibiriko birakorwa muri ayo masezerano basinye.

Mu gusozera, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yarashimiye Mugenziwe wa Guinée Équatoriale ku kuntu yamwakiriye, na we aca aramutumira kugira azogendere Uburundi, kw’itariki izokwumvikanwako.

shares
error: Content is protected !!