Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yaganutse ava muri Guinée Equatoriale

Umukuru w’Igihugu yaganutse ava muri Guinée Equatoriale

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE, ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angéline NDAYISHIMIYE, bahejeje gushika ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior NDADAYE, inyuma y’urugendo rw’akazi Sebarundi yari amazemwo imisi itanu mu gihugu ca Guinée Équatoriale.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior NDADAYE, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Général major Varisito NDAYISHIMIYE yamenyesheje ko ashima cane ukugene yakiriwe na mugenziwe w’igihugu ca Guinée Équatoriale Nyenicubahiro Teodoro Obiang Nguema Mbasogo, muri iyo misi yose yamaze muri ico gihugu.

Sebarundi arashima kandi imigenderanire myiza n’ubucuti hagati y’Uburundi n’igihugu ca Guinée Équatoriale, aho ivyo bihugu uko ari bibiri, vyiyemeje gushiraho bidatevye umurwi w’abahinga uzoba ujejwe gukurikirana ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano mu vy’ubutunzi no gufashanya yaraye ateweko umukono hagati y’ivyo bihugu.

Mu gihe ejo aho bukera ikibuga c’indege mpuzamakungu Melchior NDADAYE kizosubira kwugurura, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Général major Varisito NDAYISHIMIYE akaba yasavye abava hanze y’igihugu gukurikiza ingingo zose zisabwa zo kwikingira ico kiza ca COVID 19. Mu ntumbero yo kwubahiriza izo ngingo, Sebarundi akaba yamenyesheje ko, we n’abo bafatanye urugendo bose, harimwo Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angéline NDAYISHIMIYE, mu guhaguruka i Bujumbura, baripimishije umugera wa Corona virus, basanga ntawo bafise. Bashitse muri Guinée Équatoriale, barapimwe, n’ubu bakaba bahejeje gupimwa, bakaba bagiye kumara ikiringo c’amasaha 72 ahiherereye.

shares
error: Content is protected !!