Kirundi || Français

Urugendo rw’Umukuru w’Igihugu muri Guinée Équatoriale: Amasezerano 6 yo gufashanya yarashizweko igikumu

Urugendo rw’Umukuru w’Igihugu muri Guinée Équatoriale: Amasezerano 6 yo gufashanya yarashizweko  igikumu

Ku wa gatanu igenekerezo rya 06 Munyonyo, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste ageze ku musi wa gatanu mu rugendo rw’akazi mu gihugu ca Guinée Équatoriale, urugendo rwabayemwo inyungu hagati y’ivyo bihugu vyashize mu ngiro ubucuti bwavyo mu gusinyiranira amasezerano yo gufashanya atandatu, amwe akaba yari yaraheze gutunganywa akirindiriye gushirwa mu ngiro kuva mu mwaka wa 2007.

Ku ruhande rw’abaserukiye Uburundi, ayo masezerano yasinywe n’umushikiranganji Shingiro Albert ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu hamwe no gufashanya mw’iterambere. Ku baserukiye igihugu ca Guinée Équatoriale na ho nyene ni umushikiranganji ajejwe imigenderanire no gufashanya n’ayandi makungu Siméon Oyono Esono Angué yayasinye.

Isezerano rya mbere ryasinywe ni iryo mu gisata co gutwara abantu n’ibintu biciye mu mazi no ku bivuko. Aho ni mu ntumbero yo guteza imbere ugufashanya hagati y’inzego zijejwe gutwara abantu n’ibintu mu mazi n’ibisata bizikukira ku mpande zompi, mu mazi ndetse no mu bikorwa vyo ku bivuko. Uburundi na Guinée Équatoriale vyemeranije gushiraho ibisata ku rwego rw’igihugu bikorera mu mazi, guteza imbere ugufashanya hagati yavyo nko mu vy’umutekano, gukingira ibica mu mazi n’amazi bicamwo, hatibagiwe ku mpande zose ivyigwa bijanye n’ivyo mu mazi.

Isezerano rya kabiri rifatiye ku mpusha (visa) zo kwinjira muri ivyo bihugu ku mpande zose ku bantu bose bafise impapuro z’inzira z’akazi n’iz’icubahiro. Abo bose bashobora kwinjira, gusohoka canke kuba imisi itarenga 90 uhereye ku musi wo kwinjira, ku butaka bw’ikindi gihugu muri ivyo.

Isezerano rya gatatu rishingiye ku guteza imbere no gukingira imigambi y’abagwizatunga. Iryo sezerano rifata imigambi y’abagwizatunga bashinze imigambi yabo ku butaka bw’ikindi gihugu, haba imbere canke inyuma y’ishirwa mu ngiro ry’iryo sezerano, ariko ntirifata ibisabwa canke amatati afatiye ku vyabaye imbere yuko iryo sezerano rija mu ngiro, ntirinafatira ku bibazo vyerekeye amakori n’amatagisi canke imigambi yakozwe n’umutahe utazwi n’amategeko.

Isezerano rya kane ryerekeye imigenderanire hagati y’ubushikiranganji uko ari bubiri bujejwe ivy’imigenderanire. Ubwo bushikiranganji bwemeranije kuzobonana kenshi mu bibanza bumvikanyeko, kugira bayage ivya politike n’imigenderanire kugira ngo bahanahane ivyiyumviro ku migenderanire hagati yabo n’ibibazo biraba inyungu za bose. Ivyo bizoba no ku mirwi yamaho yo ku mpande zose iserukira ivyo bihugu muri ONU n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu.

Isezerano rya gatanu ni iry’urudandazwa rufatiye ku guhanahana ibidandazwa hagati ya Guinée Équatoriale n’Uburundi. Ibidandazwa bimwe bimwe biri ku ntonde zifatanije n’iryo sezerano, ariko n’ibindi bizojako.

Isezerano ryasinywe ubwa gatandatu ryerekeye igisata c’uburimyi n’ubworozi, rikaba ryerekana ko hazoba uguhanahana amakuru n’ubuhinga, guhanahana abahinga n’abimenyereza muri ico gisata mu ntumbero yo gufashanya mu guhana ubuhinga n’amakuru, mu kugira ibikorwa vy’iterambere basangiye, gushira kw’isoko ivyo bimbuye, gukora amanama yo gukarisha ubwenge, n’ibindi.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu no gufashanya mw’iterambere Shingiro Albert yamenyesheje ati: “ugusinya ayo masezerano ni ikintu kinezereye ku benegihugu b’Uburundi n’aba Guinée Équatoriale kuko ayo masezerano aje gutsimbataza iterambere ry’ubutunzi bw’ivyo bihugu uko ari bibiri”.

shares
error: Content is protected !!