Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yaragendeye igisagara ca Djibloho muri Guinée Equatoriale

Umukuru w’Igihugu yaragendeye igisagara ca Djibloho muri Guinée Equatoriale

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste iyo ari mu rugendo rw’akazi mu gihugu ca Guinée Équatoriale, yamaze umusi ugira kane i Djibloho, igisagara cubatswe vuba kuko cadugijwe mu mwaka wa 2015 hagati mw’ishamba ku buringanire bwa hegitari 30.000 kikaba kibamwo abantu bababa 100.000. Ico gisagara cakira ingenzi n’abagwizatunga nticaretse kuba ic’akamaro ku Mukuru w’igihugu c’Uburundi kuko yaratembereye ikibanza c’amahinguriro n’ubuhinga bwa none, n’ikigo ca kaminuza ca Djibloho, ibirezi kuri Guinée Équatoriale. Ico gisagara cahavuye kiba ico gufatirwamwo ingingo za politike zikomakomeye na Leta isanzwe ihakoranira kenshi.

Bari aho Djibloho, hafi y’uruzi runini Wele, Umukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe, ndetse n’abo bagendanye, baramenyeshejwe ko uburimyi buhitaba cane kuko hamera cane, hakaba hari n’imigambi yo kuvomera amatongo ishigikiwe na Leta ya Guinée Équatoriale.
Djibloho nk’igisagara gitotahaye gisa n’irirenga, caratewe iteka ryo kwakira abarundi bari muri urwo rugendo bafise intumbero yo guhanahana ubumenyi.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi n’abo bagendanye baciye bafata imodoka zibacana mw’ibarabara ryiza rifise imihora ine igenda ibangabanganywe, bagenda urugendo rw’ibirometero 200 bava i Bata. Bashitse barakiriwe vyiza vy’abantu n’abanya Guinée kw’ihoteli nini cane yitwa Grand Hotel Djibloho.

Umukuru w’igihugu yaragendeye kandi kaminuza rurangiranwa ya Afrika yo hagati. Ni kaminuza y’incabwenge iri ahitwa Oyala, ishobora kwakira abanyeshure 1300 bo mu bihugu vyinshi bakaba bakirwa mu bisata icenda, mugabo bakaba bafise ihangiro ryo gushika ku banyeshure 10.000 bazoshirwa mu bisata vyababa canke birenga cumi na bitanu kuko ibikorwa vyo kwubaka no kwagura iyo kaminuza bibandanya.

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yaciye agendera kandi ishure ry’abakora ku mbibe ryitwa École Inter-Etat des douanes, rikaba rifise intumbero yo kwigisha abakozi bakora ku mbibe z’ibihugu bigize CEMAC, Ishirahamwe ry’ubutunzi no gukoresha ifaranga rimwe rya Afrika yo hagati.
Rigitangura mu mwaka wa 1972 mu gihe c’inama igira umunani y’Abakuru b’ibihugu bigize Ishirahamwe rya Duwane n’Ubutunzi rya Afrika yo hagati( UDEAC, ari yo CEMAC y’ubu), icicaro gikuru ca EIED cari gisanzwe i Bangui, Umurwa mukuru wa Centrafrique, cahavuye cimurirwa vy’imfatakibanza i Bata muri Guinée Équatoriale, neza na neza mu ntara ya Djibloho ku ngingo yafashwe itariki 02 Mukakaro 2018.

Muri ico gisata nyene c’inyigisho za Kaminuza, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaragendeye Kaminuza mu gisata cigisha ibijanye no gutumatumanako amakuru n’ubuhinga bwa none bwo guhana amakuru c’i Oyala, aho yiboneye inyubakwa bigiramwo n’ibikoresho bikoreshwa mu kwiga ubuhinga buteye imbere kandi bugezweho.

Umukuru w’igihugu yaragendeye n’ibindi bibanza n’inyubakwa za Leta nk’ingoro Leta ikoreramwo n’igitarurwa kinini cane.

Uwo musi wasozererewe mu nyubakwa yitwa Grand Hotel aho inzimano zari zateguriwe nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi n’umukuru w’igisagara ca Djibloho. Harabaye uguhanahana utuganuke no gusa gîta umukate munini wari washushanijweko amabara y’ibendera rya Guinée Équatoriale n’ay’iry’Uburundi.

shares
error: Content is protected !!